Ku ncuro ya gatatu urubanza ruri hagati y’umushingamateka Agathon Rwasa n’uburongozi bw’umugambwe CNL burongowe na Nestor Girukwishaka ruhabwa isango ngo rwumvirizwe mw’ido n’ido ku magenekerezo ya 27 Ruhuhuma na 25 Ndamukiza 2025 no kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 mukakaro 2026, uruhande rwa Nestor Girukwishaka ntirwitavye sentare, ivyo vyatumye igisata ca Sentare Ntahinyuzwa kijejwe guca imanza za leta gifata ingingo yo gushira urwo rubanza mu mwiherero kugira ngo ruzocirwe rwisunze gusa ivyashikirijwe mu nyandiko n’impande zompi, nk’uko amategeko agenga ingene imanza ziburanishwa abitegekanya.
Umukuru w’ico gisata ari na we yari arongoye intahe yo kuri uyu wa kane, yatangaje ko urwo rubanza rushizwe mu mwiherero ruzoca rusomwa mu minsi 60.
Ivyo vyakiriwe neza n’uruhande rwa Agathon Rwasa hamwe na we nyene yari yitavye urwo rubanza aho yagize ati” ko imburano twatanze bazakiriye amategeko nayo agategekanya ko baca bisunga izo mburano ntacotuma tutavuga ko amategeko yakurikijwe, dusaba gusa ko bonyarutsa kuvyiga hama bakadutumako kugira batumenyeshe ingingo bafashe kugira natwe tuje mu bikorwa vyacu vya poritique nk’uko umurundi wese abirekuriwe n’amategeko.”
Ku bijanye n’uko Agathon Rwasa azokwakira ibizova muri urwo rubanza yavuze ko ico azokora kizomenyekana inyuma y’uko sentare izoba imaze gusoma urubanza, ariko yerekanye ko afise icizere c’ibizova muri urwo rubanza: “Hamwe bokwisunga imburano twashikirije turizeye ijana kw’ijana ko tuzotsinda”
Ku bijanye n’uko azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka wa 2027, Agathon Rwasa ntiyahakanye ko ashobora kuzokwitoza. Yashikirije ati:” twebwe twama twiteguye, ntabwoba dufise bwo kuja mu matora, si imigambi tubuze n’abazokwitoza si igihagararo baturusha. Gusa abari ku ruhande rw’umugambwe uri kubutegetsi ni bakure ubwo bwoba bwo guhiganwa, bugurure urubuga rwa poritique hama hagaragare uwatsinze n’uwatsinzwe, gusa uwatsinze atsindire abarundi bose“.
Ayo matati yatanguye mu 2023, igihe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwafata ingingo yo guhagarika ibikorwa vy’umugambwe CNL, buvuga ko habaye amakosa mu gutunganya amakoraniro atandukanye y’uwo mugambwe.
Mu kwezi kwa Ntwarante 2024, haciye haba ikoraniro ridasanzwe ry’umugambwe CNL ryabereye i Ngozi, ryafashe ingingo yo gukura Agathon Rwasa ku buyobozi bwa CNL no gutora Nestor Girukwishaka ngo abe umukuru mushasha w’umugambwe.
Agathon Rwasa n’abamushigikiye bamaze kubona ko yakuwe ku buyobozi mu buryo bafashe ko bunyuranye n’amategeko n’amabwirizwa agenga umugambwe, ni ko guca yitura urwego rwa Sentare Ntahinyuzwa rujejwe guca imanza za leta n’amategeko (chambre administrative de la cours suprême), asaba ko ingingo zafatiwe muri iryo koraniro zofutwa.
























