Umunyamwuga azwi ku mbuga ngurukanabumenyi mu gihugu ca Nigeria yatawe muri yompi n’inyamiramabi akekwa kuba yaragize uruhara mu rudandazwa rw’ibiyayuramutwe bizwi nka cocaine.
Afolabi Kazeem Michael, azwi cane kw’izina rya “KC Luxury”, yatawe muri yombi n’abajejwe kurwanya ibiyayuramutwe muri Nigeria, inyuma y’uko hafashwe ibiro 184.5 vya kokayine vyari bigiye gusohorwa ico gihugu.
Michael, afise imyaka 49, yafatiwe ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Murtala Muhammed i Lagos, inyuma y’imisi cumi ibiyayuramutwe vyafashwe. Yari agiye gufata indege yerekeza i Paris, mu Bufaransa, mu gice c’abagenzi ba Business Class.
Ikigo ca Nigeria kijejwe kurwanya ibiyayuramutwe, NDLEA, ni co cemeje itabwa muri yompi ryiwe. Abajejwe ico kigo bavuga ko Michael akekwaho kuba ari umwe mu bantu bagira uruhara rukomeye mu murwi mpuzamakungu rw’abinjiza kandi bagacuruza ibiyayuramutwe.
Kokayine yari igiye gusohorwa muri Nigeria
NDLEA yavuze ko ku wa 3 Myandagaro, abakozi bayo basanze ibiro 184.5 vya kokayine vyanyegejwe mu dusandugu tw’amabara y’ikigina, ahabikwa imizigo i Lagos.
Abategetsi bavuga ko iyo kokayine yari igiye gusohorwa muri Nigeria n’umurwi w’abantu bakorera mu bihugu bitandukanye. Nk’uko NDLEA ibivuga, uwo murwi usanzwe ukoresha Nigeria nk’inzira yo gucamwo ibiyayuramutwe bivuye muri Amerika y’Epfo, imbere y’uko bijanwa mu Bwongereza, mu bindi bihugu vya Buraya no muri Aziya.
KC Luxury yari azwi cane ku mbuga ngurukanabumenyi
Afolabi Kazeem Michael azwi cane kw’izina rya “KC Luxury”, akaba afise abayoboke hafi 700.000 kuri Instagram.
Ku mbuga ngurukanabumenyi, yar’asanzwe yiyerekana nk’umudandaza akora ubudandaji bw’inzahabu n’ibindi bicuruzwa vy’agaciro kanini.
Ariko abajejwe umutekano bamwagiriza kuba afise uruhara mu bikorwa vy’umurwi mpuzamakungu rw’abacuruza ibiyayuramutwe “kokayine”.
Kugeza ubu, Michael ntaragira ico avuga ku vyo yagirizwa, kandi nta makuru yemeza ko yari bwitabwe imbere y’ubutungane ngo asomerwe ivyaha yagirizwa.
Abategetsi ba Nigeria babandanya amatohoza kugira bamenye uruhara rwiwe muri uwo murwi wurudandazwa mpuzamakungu hamwe n’abandi bantu bashobora kuba babifisemwo uruhara.

























