EntertainmentKirundi

Mista Champagne ati umuduga nawugurishije kumvo zitamvuyeko

Mista Champagne avuga ko muri uyu mwaka atagiye kuvyorosha ku ndirimbo agiye gusohora hamwe n’umuririmvyi Innoss’B,iyo ikaba impamvu yagurishije imodokari yahorana.

Uwo muririmvyi amenyeshako iyo ndirimbo izokorerwa k’umugwa mukuru wa Kinshasa mu gihugu ca Congo kandi ko ariwe yamwirondereye Innoss’B kuko mubo bariko bakorana neza muri iki gihe nawe arimwo agira gatatu muri Congo, kubera iyo ndirimbo izosohoka mu kwezi kwa Ruhuhuma(2) umwaka 2025 nico catumye agurisha umuduga wiwe kugira ngo akore collabo nuyo muririmvyi izosohoka itavyorosha .

Umuririmvyi Champagne amenyesha ko akwije imyaka 15 ariko akora umuziki kandi ivyakora abibonamwo umusaruro nkindirimbo yise »Niko tuu »niyo ndirimbo mumezi atari make ashika nka munani yashikanye ama views umuriyoni umwe urenga kubera iyo ndirimbo, iyindi yise “JUYA NiNI MiYE” yayikoranye n’abaririmvyi babiri nka L’homanix na Afande Ready ikaba igeze kuma views 29k mu misi itatu gusa.

Champanye ashikiriza ko kugira ushike aho ushaka gushika aruko uba ufise abagukurikirana batahura ivyo uriko urakora kuko muri kino gihe imbuga ngurukana bumenyi ya tiktok igeze ku bihumbi amajana atanu vy’abantu bamukurikirana na instagram afise abantu 240.000 bamakurikirana, niwe muririmvyi afise ama views menshi gusumba abandi.

Mu kiganiro yahaye isamirizi Indundi Culture kw’igenekerezo rya 18 Nzero 2024 yamenyesheje ko anegura inyifato y’umuririmvyi Rayvanny ko ico bavuganye bazokora ataco bakoze kuko uwo muririmvyi yaciye amubwira ko atamwanya afise ,agashimira abandi baririmvyi bakoranye ama collabo n’abandi benshi bamufasha kugira ibikogwa vyiwe bishikire benshi bashoboka .

Uwo muririmvyi avuga ko yagurishije umuduga wiwe kugira ngo azoje gukora collabo hamwe na Innoss’B .

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE