EntertainmentKirundi

Bugendana: Hamaze imisi hibonekeza ubukene bw’inyama z’inka

Urudandazwa rw’inyama z’inka rusigaye ari akananirabahinga muri komine Bugendana intara ya Gitega aho yari ikomine yakunda kurangwamwo inyama nyinshi cane.

Umwe mu bayanga inyama avuga ko urudandazwa rw’aho ruriko rurasubira inyuma kubera ibihe vy’ubutunzi bitifashe neza. Mu misi iheze babaga inka 40 canke 50 k’umunsi nayo ubu bakaba batarenza inka 14 k’umunsi. Aho amenyesha ko ifaranga ry’Uburundi ryasubiye inyuma bagereranije n’ishiringi rya Tanzania ivyatumye batakija kurangurira inka muri ico gihugu kibanyi nk’uko babikora mu minsi iheze.

Abandanya amenyesha ko igice kinini cizo babaga bazirangurira mu gihugu ca Tanzania batakijayo ku mvo z’uko baca bahomba. Ni mu gihe ishiringi risigaye risumba cane amafaranga y’amarundi haheze imyaka 3 amafaranga y’amarundi ari hejuru cane bigaca bituma inka imwe bayirangura amafaranga angana n’imiliyoni 2 mu gihe ikiro c’inyama cagugwa amafaranga 15000fbu aho ubu inka imwe bayirangura amafaranga angana n’imiliyoni 3 ikiro bagaca bakigurisha amafaranga 27000fbu.

Umunyamabanga ntayegayezwa muri komine Bugendana Sawuri Ntakarutimana avugako izo ngorane bazizi ariko zirengeye ubushobozi bwa komine. Yemeza ko n’ingingo y’ukwororera izo nka mu mazu vyatumye haba izongaruka.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE