Umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba w’abigeme muri Basketball, ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 31 Nzero 2025 wafashe urugendo rubashikana mu gihugu ca Egiputa. Witabiriye ihiganwa ryitiriwe Afrobasket inyuma y’imyaka 12 uwo mugwi utaronka amahirwe yo kwitabira iryo higanwa.
Iryo higanwa Uburundi bwitabiriye buzoba burikumwe n’igihugu ca Kenya, Egiputa, Sudani y’epfo hamwe n’Ubuganda.
Ivyo biri uko inyuma y’imyaka 12 umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abigeme muri Basketball udaserukira igihugu c’Uburundi mu nkino mpuzamakungu.
Uwo mugwi ugizwe n’abakinyi 15 ariko abakinyi bagera ku 8 basanzwe bava hanze y’igihugu c’Uburundi bakinira imigwi itandukanye harimwo n’umwe asanzwe akinira mu gihugu c’Ubufaransa. Uwo mugwi uzomenyerezwa na Arsène umumenyereza mukuru.
Muri izo nkino za Afrobasket 2025 z’akarere ka gatanu zizobera muri Egiputa zizotangura kuva igenekerezo rya 3 gushika kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2025.