Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2025, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro yamenyesheje ko leta y’uburundi yiteguriye kwakira abarundi bagiye kwirukanwa na Leta zunze ubumwe bwa Amerika kuko badafise ivyangombwa bikwiye.
Albert Shingiro amenyesha kandi ko yaganiriye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi na Amerika amusaba ko abo barundi botahukanwa hadahonyanzwe agateka kabo. Yagize n’ico ashikirije ku ngingo ya Donald trump arongoye Leta zunze ubumwe za Amerika yo gukura canke kugabanya imfashanyo ico gihugu caha ibihugu bimwe bimwe vya Africa harimwo n’Uburundi.
Albert Shingiro avuga ati : «Amwe mu majambo twavuganye n’umuserukizi wo mu gihugu ca Amerika n’uko leta yiwe isaba kuzokorana neza n’igihugu c’Uburundi kugira ngo bemereko abarundi baba mu gihugu ca Amerika badakwije ivyangombwa botahukanwa mu Burundi. Leta y’Uburundi ngo iriteguye kubakira.
Ku bijanye n’imfashanyo Amerika yahora iha Uburundi ko zishobora kuvanwaho canke zikagabanuka, umushikiranganji Albert Shingiro avuga ko ari inkebuzo kugira ngo abarundi dukore.