EntertainmenthomepageKirundiMusic

Sat B vyose yabikora n’ibigirankana kubera bari bamuhevye

Sat B ni umuririmvyi amaze imyaka itari mike mu muziki ndundi. Indirimbo ziwe zagiye zirakundwa kubwo ajambo azirimwo na cane cane iyo yise Inkuru y’ukuri yanatumye aca amenyekana cane avuye mu murwi Wanavesi kikosi agatangura kwikorana we nyene kuva mu mwaka wa 2009.

Abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi yashizeko Video ariko araririmba imwe mu ndirimbo ziwe za kera yise “Naramwishe” akurikiza amajambo avuga ko abana bavutse mu mwaka 2000 batotahura iyo ndirimbo.

Inyuma y’aho commentaire zakurikiye, benshi vyaboneka ko bamukurikiranye kuva kera kuko bamwibutsa y’uko bamukunda akicandika amajambo nk’ayo yo muri iyo ndirimbo.

Ntivyatevye Sat B yumvise ugutakamba kw’abakunzi biwe aca ava mu gacerere arabishura agira ati: “Ingorane mujana n’ibije ntakwo ntagize kugira ngume ndabaha umuziki mwiza ariko mwagumye muvuga ko nazimye kubera ntacananiye kugeza mpitamwo gukora amapiano niho mwatanguye kunyerekwa. Rero imbere y’uko tugera k’umusi w’abakundana le 14 Février ngiye kubaha indirimbo y’urukundo na kare tujana n’aho isoko ry’umuziki ritujana.”

Ayo ni amajambo yashikirijwe n’umuririmvyi Sat B abicishije ku mbuga ngurukanabunyi asanzwe akoresha.

Tubibutse y’uko uwo muririmvyi hariho indirimbo yasohoye mu mwaka uheze wa 2024 nka Busy Girl harimwo nizo yafashije abandi baririmvyi hamwe n’amapiano, ico yise “Piano Buja.”

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE