homepageKirundiSport

Uwimana Aniella mu gihugu ca Arabie Saoudite

Uwimana Aniella umukinyi asanzwe akinira umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba yamaze gushira umukono ku masezerano y’imyaka ibiri azomara akinira umugwi Jeddah FC wo muri Arabie Saoudite. Uwo mugwi ukaba uri mu cicaro ca mbere muri ico gihugu.

Uwimana Aniella akaba yaciye mu migwi itandukanye yo ng’aha mu Burundi iri mw’ihiganwa rikuru ry’abigeme nka Fofila pf mu mwaka wa 2019 ubu usigaye witwa Top girls. Yarakiniye kandiakaba umugwi Onze Étoiles ukiri mu cicaro ca kabiri aranatorwa nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi. Iyuma yo kuva mu Burundi yaciye yerekeza mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya mu mugwi Young Princess, aho yayikiniye inkino zitari nke hanyuma aca yerekeza muri Fontain Gate Princess wo muri ico gihugu nyene ca Tanzaniya.

Uwimana Aniella ni umwe mu bakinyi bahora batumwako mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba akaba yaranakinye inkino za CECAFA 2016 zabereye mu gihugu ca Uganda.

Uwimana Aniella akaba yavukiye muri karitiye ya Bwiza iri mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo 1999 akaba ari umwana wa Budigoma Antoine na Ngendakumana Micheline.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE