Umusatirizi w’intamba murugamba Bimenyimana BonFils Caleb umurundi w’imyaka 27 y’amavuko yasinye masezerano y’umwaka umwe yo gukinira umugwi USM Alger wo mugihugu ca Algérie.
Ico gikorwa camenyekanye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2025 mu gihe uwo mukinyi yari yahagaritse amasezerano yari afitaniye n’umugwi Zobhan wo mu gihugu ca Iran kubera yari aheraniwe amafaranga y’amezi atatu,Caleb amenyesha ko atari kubandanya akinira uwo mugwi zobhan kuko atari kubaho adahembwa muri ico gihugu ca Iran.
Ni kuri iyo mvo Bimenyimana BonFils Caleb yaciye asinya ayo masezerano n’umugwi USM Alger uri mu kibanza ca 3 mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mur Algerie,mu muce wa C mw’ihiganwa rya Caf Champions League USM Alger wahejeje uri mu kibanza ca mbere hamwe n’amakoya 14 mu nkino 6 ukaba kandi uzokina kimwe ca kane gishira icanyuma.
BonFils kandi akaba yaraciye mu migwi ikomeye nko mu Rayons sports yo mugihugu cu Rwanda,umugwi kaizer Chiefs ukina icicaro ca mbere wo mu gihugu ca Africa y’epfo mu mwaka w’inkino wa 2022 ushira 2023,ubu uwo mukinyi akaba arindiriye impapuro z’inzira(visa)kugira yerekeze mu gihugu ca Algérie