EntertainmentKirundi

Tanzaniya: Chuma cha chuma yaciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka itatu

Umuririmvyi w’umurundi azwi kw’izina rya Chuma cha chuma yamenyekanye cane ku ndirimbo yise Kizunguzungu, yaciriwe gufungwa imyaka itatu hamwe n’ihadabu y’amafaranga y’amatanzaniya ibihumbi amajana atanu.
Ferdinand Ndikuriyo yamenyekanye nka Chuma cha chuma yungururijwe mw’ibohero rikuru ry’aho mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya  ari naho yaciriwe urubanza gwo gufungwa imyaka 3 hamwe n’ihadabu  ry’amafaranga y’ama Tanzaniya ibihumbi amajana atanu(500.000Tsh) kuwa 5 Ruhuhuma 2025 rusomwe muri sentare ya kisutu n’umucamanza mukuru  Mkazi Yusto Ruboroga, Chuma cha chuma akagirizwa kwinjira no  kuba muri ico gihugu adafise uruhusha rumwemerera kubaha.
Uwo mucamanza Mkazi akavuga ko uwo murundi akwiye guhanwa bimwe vyakarorero kugira bibere icigwa abandi,iyo ngingo ikaba yafashwe no kubanyamahanga binjira mu gihugu ca Tanzaniya badakwije ibisabwa.
Chuma cha chuma akaba yafatiwe mu gisagara ca Dar Salam  aho bita Las vegas casino mu karere ka Ilala kuwa 18 nyakanga umwaka wa 2024, nkuko bishikirizwa n’ikimenyeshamakuru Bongo Five.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE