EntertainmentKirundiSociété

Ngozi: Ingeso y’akaboregwe canke amaronko nivyo biriko biratuma ingo zisambuka

 

Abakenyezi bo muri komine Nyamurenza mu ntara ya Ngozi bemeza ko ingo ziriko zirasambuka muri iki gihe ku bwinshi bitewe n’inda ndende canke ico bise ivumwe

 

Umukenyezi N.C wo muri komine Nyamurenza agira ati:”Akenshi abakenyezi baraharikwa abagabo bakaja kwironderera abandi bagore bigatuma umwe wambere abaho nabi ndetse akibagirwa”.

Ingaruka zayo mabi yo kutabwa canke kwirukanwa n’uwo baba bubakanye ngo ntizobura kuko abana nabonyene biheza bikabakorako aho baheba amashure bakaguma biyerereza mu mabarabara ibiheza bikica kazoza kabo.

Bamwe mu bagabo bo muri iyo komine Nyamurenza mu ntara ya Ngozi ntibahakana ko ako kabi kadahari akemeza ko kenshi biva kukaboregwe kaba hagati y’abubakanye, M.B avuga ati:”ushobora gusanga umugabo anywa inzoga canke n’umugore akazinywa, ivyo rero bigatuma umugore yiyumva ko ari nk’umugabo mu rugo canke umugabo ntabe yorohereza umugore kubera izo nzoga, mubisanzwe kubana mu nzu n’ukwubahana”. Abakenyezi hamwe n’abagabo bo muri iyo komine bagasaba ko hobaho kwubahiriza amategeko agenga abubatse ndetse hakabaho no guhana hisunzwe amategeko ku wagiriwe n’icaha.

Igenekerezo rya 26 Ntwarante umwaka wa 2024 abakenyezi 237 bo mu ntara ya Ngozi bari bukatse bidaciye mu mategeko barirukanywe mu ngo zabo.

Mwitegeko numero 1/024 ryo kuwa 28 ndamukiza 1993 risubiramwo igitabu kigenga ingo n’imiryango mu Burundi mu ngingo yaryo ya 87 ivuga ko umusore n’inkumi bubakana ata gahato,mu ngingo ya 158 y’ico gitabu yerekana ko abubakanye bashobora kwahukana bivuye kuri vyinshi nko kurenga ibigo kuri umwe muri abo n’ibindi…,nayo mu ngingo z’i 160 n’i 161 zikerekana ingene bavana biciye mu mpanuro z’imiryango n’ingingo za sentare,ariko ivyo vyose bigakorwa ku neza yabo bibarutse.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE