CANhomepageKirundiSport

Urugendo rwaraye rurangiye ku mugwi nserukira gihugu w’abigeme Intamba mu rugamba muri CAN 2026

Vyaraye vyanse ko umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abigeme ubandanya kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika zizobera muri Maroc mu mwaka wa 2026 inyuma yo gutsindwa n’igihugu ca Burkina Faso mu nkino zibiri.

Mu rukino rwa mbere, umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba niwo wari wakiriye igihugu ca Burkina Faso aho Uburundi bwatsinzwe igitsindo kimwe ku busa. Urwo rukino rukaba rwabereye muri Mali kuri uwu w’Imana uheze igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2025.

Urukino rugira kabiri rwabaye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2025 igihe c’isaha cumi na zibiri rubahuje n’ico gihugu nyene ca Burkina Faso. Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba uyobowe na Alain Olivier Niyungeko ntiworohewe aho watsinzwe ibitsindo bine ku gitsindo kimwe aho Uburundi bwari bwakiriwe n’ico gihugu ca Burkina Faso mu gihugu ca Mali kubwo kubura ikibuga mpuzamakungu.

Urugendo ku bigeme ba Alain Olivier Niyungeko rwo kwerekeza mu gihuhu ca Maroc mu mwaka wa 2025 rukaba rwaciye rurangirira aho.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE