Mkombozi umuririmvyi azokwitoza mu kibanza c’abashingamateka nk’uwigenga ashikiriza ko ivyiyumviro vyiwe bitazotuma ahunga igihugu ko kandi ata bwoba afise bwo gupfira igihugu camwibarutse. Arasaba ababijejwe kuzokosora amwe mu mategeko agenga abitoza ku gatwe kabo.
Mu gihe hasigaye ikiringo kigera ku mezi abiri ngo amatora y’abashingamateka abe, umuririmvyi Nzeyimana Thomas azwi kw’izina rya Mkombozi yashikirije zimwe mu ntambamyi ziriko ziramutangira kugira ntashike kw’ihangiro yihaye. Aragaruka cane ku majwi bategekwa gukwiza kugira uwigenga ashobore kuja mu nama nshingamateka aho uwigenga asabwa ibice 40 kw’ijana nayo umugambwe ugasabwa ibice 2 kw’ijana. Aho akabona ko uri umuntu umwe gukwiza ayo majwi biba bigoye cane.
Mu gihe uwo muririmvyi yigeze guhunga igihugu azira ivyiyumviro vyiwe abajijwe nimba ata bwoba afise ku mutekano wiwe, Nzeyimana Thomas yishuye ati: “Nta bwoba mfise kuko untora utantora nta kibazo gusa ntumpohotere, kandi ivyiyumviro vyanje ntibizotuma mpunga igihugu kuko nta bwoba mfise bwo gupfira igihugu canyibarutse”.
Uwo muririmvyi asaba ababijejwe muri rusangi guhinyanyura ayo mategeko mu matora yandi azoba kugira urundi rwaruka rwipfuza kuzokwitoza bize birworohere.