Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 09 Ndamukiza 2025, umuyobozi wa Diaspora ndundi ku rwego rw’isi, Samuel Ndayiragije yaganutse ava mu bikorwa yahoramwo vyo gutunganya amatora y’abazoserukira abandi mu bihugu basanzwe babamwo
Samuel Ndayiragije mu rugendo yagize rwatanguriye mu gihugu c’ubushinwa. Yarabandanyije muri Amerika no muri Afrika y’epfo aho hose amatora akaba yaratunganijwe bikaba biri muvyo ashimira abarundi baba mu mahanga ukuntu bariko bravyifatamwo neza mu gukorana n’uburongozi bwizewe.
Icatumye agaruka vyihuta mu gihugu c’Uburundi ngo hari imigambi yashikirijwe n’abarundi baba mu mahanga yotuma igihugu gitera imbere ariko bakaba batararonswa inyinshu itomoye. Icipfuzo ciwe ngo ni ukubonana na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye kugira bayage cane cane kw’ihangiro Uburundi bwihaye ry’uko bwoba ari igihugu cifashe mu 2040, giteye imbere mu 2060.
Kuvyerekeye inzu y’abadiaspora basavye y’uko bokubaka mw’ikorosi ugisohoka ikibuga c’indege vyose bakaba bakirindiriye uruhusha.
Gushika ubu Samuel akaba amaze kugendera ibihugu birenga cumi akaba yarumvirije amarira y’abarundi nawe akaba agiye kubishikiriza ababijejwe mukuraba uko bobatunganiriza canecane ku bintu bavuga ko banyarwa biri mu Burundi kubera badahari. Icon kibazo akaba ngo agiye kugifata mu minwe.