EntertainmenthomepageKirundisécurité

Mukaza : Haribonekeza ubusuma mu mazu y’ubudandarizo

Haracibonekeza ubusuma mu mazu y’ubudandarizo nk’uko vyemejwe n’abikorera utwabo. Ubuyobozi bwiyemeje gukomeza umutekano.

Mu nama hagati y’ubuyobozi bwa komine Mukaza n’abarangurira imirimo itandukanye muri zone Rohero hashikirijwe zimwe mu ntambamyi zijanye n’umutekano muke utuma abo bikorera utwabo bahomba. Aho bakagaruka ku busuma bwibonekeza mu ma karitiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura bakanegura ariko bamwe mu bajejwe umutekano bashikirizwa abakekwako ubwo bubisha maze bagaca babarekura, abanyagihugu bakabona ko iyo ngendo yotuzwa.

Mu vyafashwe nk’ingingo muri iyo nama harimwo gukomeza umutekano biciye mu gukizura incuro nyishi bigakorwa ariko n’abajejwe umutekano.

Florent Nkezabahizi arongoye komine ya Mukaza ahamagarira kandi abajejwe intwaro be n’abajejwe umutekano gukorana gutyo umutekano utsimbatare.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE