EntertainmenthomepageKirundi

Gufatanya kuririmba no gukina amareresi arabimenyereye

Abel Nduwayo ni umurundi asanzwe akina amareresi akongera akaba n’umwanditsi w’indirimbo mpimbaza Mana hano mu gihugu cacu c’Uburundi. Yatanguye kuba umuririmvyi kuva mu mwaka wa 2011 aca yongera aba umukinyi w’amareresi mu mwaka wa 2018. Iyo myuga uko ari ibiri akaba ayikorera icarimwe.

Uyo mukinyi w’amareresi avuga ko icatumye akina amareresi ar’uko yabona asohora indirimbo akayishira ku rubuga rwiwe rwa youtube akabona ntizikundwa aca ahitamwo gukina amareresi ari nayo yatumye amenyekana cane, naho intambamyi zitabura.

Asigura ko uwatumye akina amareresi ari Epiriva aho baciye bategura ireresi yabo ya mbere bise “paradizo” baca bayishira ku rubuga rwa “Youtube” ya Abel Nduwayo, aho vyatumye abantu bayikunda cane ari nayo yatumye amenyekana bica bituma abandanya uwo mwuga wo gukina amareresi.

Ashimira abantu babandanya bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa youtube cane cane kuri iyo ndirimbo yiwe aherutse gushira ahabona n’aho abantu ubutumwa atanga buciye muri izo ndirimbo batabukunda, afise icizere c’uko uko iminsi izoza iragenda bazozikunda buke buke.

Avuga ko gukina amareresi yabifashe nk’umwuga n’aho bigoye mu bijanye n’uburyo canke aho bashobora kuja gutegurira ayo mareresi aho bishika bakabaka amafaranga y’umurenge nko kuma hôtel atandukanye ariko ivyo ngo ntibibaca intege.

Asigura ko intambamyi bahura nazo zitabura ariko bipfuza gushika ku ntambwe ishimishije bagakora ibishoboka kugira amareresi y’aha mu Burundi akundwe cane ndetse agere kure nk’uko mu bindi bihugu babikora kandi bagerageza gukunda ivyiwabo.

Asaba abarongoye inzego kubaha ikibanza canke bakabubakira ikibanza co kwerekeramwo amareresi ivyo bikazotuma bashika kw’ihangiro bipfuza gushikako.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE