BurundihomepageKirundisécurité

Ibidengeri vy’amazi biri kw’ibarabara avenue de la plage biriko birateza uruhombo abarikoresha mu kwihunguruza

Haraheze igihe kingana n’umwaka amazi ya Tanganyika yararenze inkombe zayo bituma amabarabara amwe amwe yuzura amazi. Mu kigo kijejwe amabarabara ARB basigura ko iryo barabara rikeneye ivyigwa bihanitse be n’iimfashanyo kugira bikunde ayo mabarabara akorwe.

Kuva muri ndamukiza mu mwaka wa 2024 haribonekeje iduga ry’amazi ya Tanganyika bituma mbere mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura abiyunguruza bibagora kubwo ukuntu amazi yarenze inkombe zayo maze akirara mu mabarabara. Nko kw’ibarabara Avenue de la plage ibintu vyarunyutse muri uyu mwaka kuko rimaze kwikorera imodoka nyishi ; uti vyagenze gute ?

Nk’uko vyemezwa na bamwe mu barangurira imirimo yabo ku nkengera z’ico kiyaga haraheze igihe kingana n’ameze abiri iryo barabara ryibonekezamwo ibinogo bituma imodoka zito zito zihaciye zihagirira ingorane.

Abahaca n’amaguru bo bashikiriza ko iryo barabara ribateza uruhombo kuko bibasaba gutanga amahera ari hagati y’amajana atanu n’igihumbi kugira bajabuke. Abo banyagihugu basa n’abataye umwizero bagasaba reta ko yoshiraho ingingo mperekeza kugira boroherwe.
Umwe ati: “none n’ubundi n’aho ryokorwa ubona wohakora gute Tanganyika imeze nk’uku “?

Abahinga mu bijanye n’ibidukikije harimwo n’uwahoze ari umushikiranganji w’ibudukikije Albert Mbonerane bashikirije mu mwaka wa 2018 ko ico kiyaga kigeramiwe na bamwe mu bavogera inkombe zaco kandi ko kizohava kibangamira ubuzima bw’abegereye inkengera z’aho.

Mu kigo c’igihugu kijejwe amabarabara bashikiriza ko babizi ariko ko bariko bararondera uburyo baciye ku babakurira no kubafasha igihugu. Constantin Bigirimana amenyesha kandi ko uburyo bahawe bwabaye buke. Kw’igenekerezo rya 1 gitugutu umwaka wa 2024, ubwo buyobozi bwari bwamenyesheje ko hari ivyigwa biriko birakorwa, mwobisoma ngaha :
https://www.facebook.com/100063743597931/posts/1028369319297845/?mibextid=rS40aB7S9Ucbxw6v

Gushika ubu nk’uko uwo muyobozi abisigura, ivyo vyigwa vyarashikirijwe ishirahmwe JICA kugira barabe ko hoboneka uburyo bwo kurisanura.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE