Bamwe mu banyagihugu bo muri zone Gatumba komine n’intara ya Bujumbura batewe n’imyuzurira y’uruzi rusizi baratewe impungenge n’ubukene bw’amazi meza aho bavuga ko n’ayabonetse ataba ari meza.
Abo banyagihugu bemeza ko bishika bakanwa amazi y’imvura aho bafise amakenga ko bashobora gufatwa n’indwara zifatiye kw’isuku rike, aho bamwe bibaza ko imvo zituma bataronka amazi meza ari imiringoti yoba yarononekaye canke ikajamwo ubucafu atari bwiza.
Aho bavuga ko kugira baronke amazi meza bayatuma aho bita mu Kajaga bimwe mu bituma baca bakoresha uburyo mwinshi bwo kuriha abaza bikoreye ayo mazi, bagasaba ishirahamwe Regideso kubaronsa amazi meza arimwo umuti.
Ni mugihe haheze ikiringo kitari gito baratewe n’amazi y’uruzi Rusizi aho imirima bisumamwo yatewe n’imyuzurira y’amazi bituma imirima yabo itwarwa abandi nabo batakija kurima kuko imirima yabo yamaze kurengerwa n’amazi.
Umuyobozi wa zone Gatumba Jean Muyoboke avuga ko yamaze kubishikiriza ubuyobozi bw’ishirahamwe Regideso ariko bitarashirwa mu ngiro. Asaba abarongoye kwihangana bakarindira ishiramwe Regideso kugira ribatungnairize.