Droits de l'hommehomepageKirundi

Aluchoto: Biragoye kwizera umuntu yabaye mu mabanga ya poritike

Ishirahamwe Aluchoto rifise amakenga kuri bamwe mu ndongozi bagiye kurongora umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, CNDIH. Muri iryo shirahamwe babona ko bigoye kwizera umuntu yabaye mu mabanga ya poritike ko yoharanira agateka ka zina muntu nk’uko bikwiye.

Kw’igenekerezo rya 5 rusama 2025, inama nshingamateka y’Uburundi yaremeje umugwi ugizwe n’aba komiseri bagera kuri ndwi bagiye kurongora umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Nk’uko bishikirizwa na Vianney Ndayisaba arongoye ishirahamwe ryishinze kugwanya ubushomeri hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu arashima kuba hashizweho izo ndongozi zigiye kurwanira agateka ka zina muntu, ariko akerekana amakenga kuko hariho bamwe muri abo ba komiseri batowe bigeze kuba bashinzwe amabanga ya poritike. Iryo shirahamwe rikamenyesha ko bigoye cane kuba umuntu yarigeze kugenwa mu mabanga ya poritike maze ngo aharanire agateka ka zina muntu.  Kubwiwe asigura ko bigoye kubaha icizere biturutse kuri ayo mabanga bigeze kurangura.

N’ubwo biri uko ishirahamwe Aluchoto ribasaba guhagararira kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ko kandi ata muntu yosubira gupfungwa azira ubusa , ko hatosubira kwibonekeza abantu banyuruzwa , nuko ata bantu bosubira guhagarikwa bidaciye mu mategeko. Asaba kandi uwo migwi mushasha ugiyeho gukorana cane n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE