Umuririmvyi w’umurundi Samy Melody avuga ko yatanguye ivyo kuririmba mu mwaka w’2014 aho yaririmba indirimbo mpimbaza-Mana. Mu nyuma yaciye aja muvyo kuririmba indirimbo z’ikibiriraho mu bunywero butandukanye mu nyuma abona kwandika indirimbo ziwe bwite.
Uyo muririmvyi ashikiriza ko afise indirimbo yasohoye yise “Ndagufana”. Yayiyumvirye ari uko abonye ko abantu basigaye bahemukira abakunzi babo. Iyo ndirimbo yakorewe amashusho mu ntara ya Rumonge. Intambamyi yahuye nayo kuri iyo ndirimbo n’uko bashitse mu Rumonge bwije bica biba ngombwa ko bararayo. Arashima uko vyagenze kandi ko amashusho yabaye meza.
Asigura ko adafise indirimbo imwe gusa ariko hariho n’iyindi iri ku rubuga rwiwe rwa YouTube. Nayo uguteba gusohora indirimbo nshasha n’uko yari yabuze uburyo bica bituma ataboneka ku mwanya.
Samuel Nduwimana azwi kw’izina rya Samy Melody amenyesha ko ivyo kuririmba yabifashe nk’akazi n’aho hariho abantu bamubwira ko yasubiye inyuma. Samy agira ati: “Jewe ntaco niyagiriza kuko ico ndiko ndakora ndakizi. Mu buzima abantu bavuga ivyo bashaka ariko jewe mbadanya ntera imbere”. Ubu arafise umugwi (Dr JP ) uriko umufata mu mugongo kugira ngo ibikorwa vyiwe bigume bigaragara mu bakunzi b’umuziki.
Uyu mwaka akaba afise ibikorwa vyinshi agiye kugaragaza ku bakunzi b’umuziki akaba afise indirimbo igiye gusohoka vuba cane.