Inyuma yo kumara umwaka umwe umugwi Kiyovu Sports wo mu gihugu c’Urwanda utemerewe kugura umukinyi n’umwe bivanye n’ibihano FIFA yari yawufatiye ku mvo z’uko hari amafaranga wari uheraniye abakinyi bahoze bawukinira hamwe n’abamenyereza, iryo shirahamwe ryamaze gukuraho ibihano ryari ryafatiye uwo mugwi.
Kuva kw’igenekerezo rya 09 Myandagaro 2025, iryo shirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ribicishije mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda ( Ferwafa) ryanditse y’uko rikuyeho ibihano ryari ryafatiye umugwi Kiyovu Sports, rica rihitamwo no kwemera y’uko uwo mugwi wokwandikisha umukinyi w’umurundi Cédric Amissi yahora akinira umugwi Al Qadisiyah wo muri Arabie Saoudite kugira azowukinire mu mwaka w’inkino wa 2025-2026.
Cédric Amissi akaba agiye gukinira umugwi Kiyovu Sports mu kiringo c’umwaka umwe. Muri uwo mugwi akaba ahasanze uwundi mukinyi w’umurundi Nizigiyimana Abdoul Karim Makenzi.
Mwomenya ko Kiyovu Sports mu mwaka w’inkino wa 2025-2026 uzomenyerezwa n’umumenyereza w’umurundi Haringingo Francis Mbaya yahora mu mugwi Bugesera Fc.