homepageKirundiSante

Kubera amikoro make ntibashobora kugura ikarata yo kwivurizako CAM

Imwe mu miryango yo muri zone Rubirizi komine Ntahangwa intara ya Bujumbura iravuga ko gushika ubu ifise ikibazo co kwivuza ikoresheje ikarata yo kwivurizako izwi nka carte d’assistance maladie kubera amikoro make. Imwe muri iyo miryango ikaba ari iyigizwe n’abatwa hamwe n’abapfakazi. Ishirahamwe ACP ,Action contre la pauvreté mu vyo ryishinze harimwo kurwanya ubukene rikaba ryaronkeje amakarata yo kwivurizako n’iya ruseha abaniha imiryango yo muri iyo mirwi igera ku 260. Jean Samandari arongoye iryo shirahamwe asaba n’abandi babishoboye gushigikira bene iyo miryango kugira ishobore kwivuza neza.

Bamwe mu banyagihug bagize iyo miryango bemeza ko kwivuza kuri bo bitoroha bitumwe n’uko bafise amikoro make gutyo ntibashobore gukoresha ikarata yo kwivurizako CAM. Gaspard Ntimpirangeza , ni umusangwabutaka w’imyaka 46 wo ku mutumba Gahwama, avuga ko amikoro make babayemwo atumwa n’uko  uwo mugwi w’abantu utagira amatongo yo kurima.

Ntitugira aho turima, ntitugira aho tuba turasembereye. Ivyo vyose biraduhanze bigatuma tutivuza. Nk’uko nyakwubahwa prezida yarivumereye, nibaturonse natwe amatongo“, niko Ntimpirangeza avuga.

Imwe muri iyo miryango y’abasangwabutaka ivuga kandi ko igitunzwe n’amafaranga ikorera ku musi ku musi muguca “itasha” (tâche journalière), ibituma idashobora kwigurira iyo karata CAM, nk’uko vyemezwa na Gertrude Nsengiyumva w’imyaka 38 n’abana 5 wo ku mutumba Rubirizi.

Abana barapfa kubera tutagira ikarata yo kwivurizako. Dutunzwe n’itasha ,rero turabura amahera yo kugira tuje kuvuza abana”.

Kubw’ishirahmwe ACP mu vyo ryishinze harimwo kurwanya ubukene , Action Contre La Pauvreté, ryahaye kuri uyu wa kane imiryango y’amikoro make igizwe n’abasangwabutaka ,abapfakazi hamwe n’abageze muzabukuru igera ku 260 iyo karata yo kwivurizako CAM hamwe n’iyarusehabaniha carte d’ambulance , ribona ko n’ayandi mashirahamwe abishoboye yofasha bene iyo miryango mukuronka izo karata, nk’uko bishikirizwa na Jean Samandari arongoye ACP.

Ni intambwe tuba dutanguje kugira ngo ejo n’ayandi mashirahamwe canke abantu bafise uburyo bafashe muri uyu mugambi kuko ubuzima ni co kintu ca mbere“.

Kuva muri Ruhuhuma 2025, Reta yategetse ko ikara yo kwivurizako carte d’assistance maladie iba ngombwa kuri buri muryango wose udafise ikarata yindi iyariyo yose yo kwivurizako no kuri buri muntu wese afise kuva kuri 18 n’iyirenga, nk’uko biri mwitegeko ryateweko umukono n’ubushikiranganji 3 , ubw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubw’ikigega ca Reta hamwe n’ubwamagara y’abantu. CAM ikaba igurwa amafaranga 3000. Reta ivuga ko uwukoresheje iyo karata ariha ibice 20% iyo yivuje, Reta nayo ikariha 80%.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE