Abanyeshure kumwe n’abavyeyi barereye kw’ishure rya Mushasha ya mbere n’iya kabiri riri muri zone ya Gatumba babona ko atagikozwe bitagiye kuborohera kwiga neza mu mwaka w’ishure buca utangura.
Eddy Irakoze ni umwana yiga mu mwaka wa gatanu kw’ishure riri muri zone ya Gatumba avuga ko yahora yiga kw’ishure nshingiro rya Mushasha ya mbere itaraterwa n’imyuzure. Uwo munyeshure abona ko kwiga neza mu mwaka w’ishure ugiye gutangura bitazoborohera.
Abavyeyi b’abo bana bo bemeza ko mu mwaka uheze abo bana bigira mu mahema bari bafise n’intebe bicarako ariko uwu mwaka amahema yatabaguritse batabona uko bazokwiga.
Abo bavyeyi co kimwe n’abo bana bimuwe n’imyuzure yateye aho mu Gatumba muri mushasha ya 1 n’iya 2, basaba reta co kimwe n’abagiraneza gufasha kugira abo bana baronke aho bigira mu mwaka w’ishure buca utangura.
Kuri ico kibazo, umuyobozi w’ishure rya Mushasha ya 1 Violette Mpawenimana yabwiye uruganda rwa Radio Indundi Culture ko ico kibazo c’ubukene bw’amahema n’intebe amaze kugishikiriza arindiriye icokorwa n’inzego zibijejwe.
Mu mwaka w’ishure w’2024-2025 ishure rya mushasha ya 1 n’iya 2 ryari rifise abanyeshure barenga 640 kuva mu mwaka wa 1 gushika mu mwaka w’9, amashure yubatswe mu mahema akaba ari ibirasi 15 .