Ni ibitaro biri nko ku birometero 10 uvuye mu gisagara ca Bujumbura kw’ibarabara rikuru ry’igihugu inomero 3 (Bujumbura-Rumonge). Ivyo bitaro biri nko ku metero 100 uvuye kw’isoko rya ruziba haruguru yavyo hari isengero ya Katorika. Uyu musi bamwe mu banyagihugu bitura ivyo bitaro bavuga ko abarwayi ari benshi abaganga nabo ari bake bikagorana ko bashikirwa.
Uyu munyagihugu agira ati: “iyo ngiyeyo nsanga hari abantu batari bake, mbere hari naho ntaha kumugoroba kandi nazindutse. Hari n’abataha batavuwe, bakagaruka kwivuza bukeye. Aho rero uri mushasha ushikirwa ari uko abo baraye baheze“.
Ku rundi ruhande, hari abavuga ko bahitamwo kuja mu mavuriro y’abigenga ariko bikabatwara uburyo bwinshi bivanye n’amikoro yabo. Ivyo biri uko mu gihe amagara ari amazi aseseka ntibayore. Abo banyagihugu bavuga ko inkurikizi ari ukuremba ku murwayi, bagatinya ko hashobora kuba n’abokwitaba Imana mu gihe atacokorwa mu maguru masha.
Uyu mukenyezi dusanze ahegereye ivyo bitaro agira ati: “hari aho nshika kare ngasanga hari abantu benshi. Aho rero mba niteze ko ntaha k’umugoroba kuko ubwa mbere nshikirwa ntevye nkagirisha ibipimo ntevye iyo babintumye, inyishu nca ndayironka bukeye. Igishika rero nuko umubiri uremba cane kuko mba ntaravurwa”.
Bose mu bayaze na radio indundi culture babona ko iyo ngorane yotorerwa umuti. Aha berekana ko hokubakwa amavuriro matomato kugira ivyo bitaro biremururwe. ikindi naco nuko ivyo bitaro vyoronswa abandi baganga kuko abahari atari ikirenga.
Ubuyobozi bw’ibitaro vyo mu Ruziba ntibuhakana ko abahivuriza ari benshi. Muganga François HAKIZIMANA ahakorera avuga ariko ko ahanini biva ku ntambuko umugwayi acako kugira ashikire umuganga.
“Abarwayi turabakira, ariko hari aho babona ko batevye bivanye n’inzira dukoresha mukwakira umugwayi. Hariho uwakira umurwayi akanandika umwidondoro wiwe, munyuma akaja kuriha amafaranga n’ibindi …. Ni aho rero baca bidoga ko biteba“.
Uyo muganga abandanya avuga ko icikagurika ry’umuyagankuba naryo nyene riri mu bituma ibikorwa vyabo bitagenda neza n’aho bitaba imisi yose. Aha rero yerekana ko inyishu z’ibipimo vyakozwe zica ziboneka haheze umwanya munini kuko kuri ivyo bitaro ata cuma gitanga umuyagankuba “groupe électrogène kihari.
Ikindi yerekana ni ubuke bw’abaganga ariko ku bwiwe baragerageza bagatunganiriza ababituye bose. Ku kibazo c’ingene bategekanya gutorera inyishu ibibazo bimwe bimwe, muganga Francois Hakizimana amenyesha ko hari umugambi wo kugura icuma gifasha gutanga umuyagankuba bakirindiriye uburyo ko buboneka. Kwongereza abaganga navyo, HAKIZIMANA avuga ko ico kibazo kiri mu minwe y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Ibitaro vyo mu Ruziba biri muri komine Mugere intara ya Bujumbura, haheze imyaka irenga itanu vyubatswe, mu gihe giheze abavyitura bahora bidoga ko hari agahaze mu kwakira abarwayi. Uyu musi ariko hari abashima ko bakirwa neza.