EntertainmenthomepageKirundiMusic

Indirimbo nshasha ya Sat B iriko ivugisha benshi

Umuririmvyi Sat B avuga ko iyo ndirimbo ari iyiwe bwite. Kubona bakoranye n’umuririmvyi avuye mu gihugu ca Tanzaniya Ibrahm aruko bari bamaze kuba abagenzi kandi n’uwo muririmvyi yari yaramwemereye ko igihe azoza mu Burundi bazoca bakorana niko guca bakora iyo ndirimbo iri mu mudiho w’amapiano.

Uwo muririmvyi ashikiriza ko iyo ndirimbo bakoze bise “Humu Tuu” bayikoze bayishashaye kuko ikintu cose bari bateguye kuyishiramwo cakozwe. Iyo ndirimbo ikozwe mu mudiho ugezweho nico gituma abantu bariko bayiraba ari benshi. Arashimira abantu bose bakoranye ico gikorwa kuva gitangura gushika ku mpera kuko bakora bahuza.

Sat B agira ati : “ndi mu gihe canje kuko namaze imyaka 4 ntariko ndakora nka Sat B ariko kuva mu mwaka uheze n’uyu mwaka sinzovyorosha ku bakunzi banje bitege ikindi gikorwa kuko tugeze mu gihe umuziki ndundi usigaye urabwa cane n’abantu bo hanze kuko urugero tugezeko rwo gusohoka igihugu tujanywe no gukora ibiteramo ni intambwe ishimishije m’urugendo rw’umuziki”.

Aboneraho guhanura abariko bakora umuziki muri iki gihe ko bojana n’ibihe  tugezemwo kugira ngo igihugu kizoze kirakira ubushimwe bw’ama Awards.

Bizimana Aboubakar Karume azwi nka SAT-B yahamagariye abakunzi biwe kumutora mw’ihiganwa arimwo rya Afrima mu gihugu ca Nigeria.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE