Kadie Kay ni umwanditsi w’indirimbo zitandukanye avuga ko ivyo akora vyose abikora mu rukundo. Mu kwandika kwiwe nikubera ko akunda indirimbo n’aho adafise impano yo kuririmba. Arashimira umuryango wiwe n’abakunzi b’umuziki uko bamwakiriye.
Uwo mwanditsi Kabayoboke Claudine azwi nka Kadie Kay yavukiye i Muyinga muri komine Muyinga zone Rugari. Ni umwigisha yigisha mu mashure yisumbuye akongera akaba n’umuvyeyi w’abana batatu. Ashikiriza ko mu mwaka wa 2024 ariho yatanguye kumenyekana ku ruririmbo rwa “Mon professeur”. Iyo ndirimbo yayanditse kugira ngo ahe akaganuke umushigantahe wiwe ariko mu nyuma yaciye abona benshi bayikunze niko kubandanya urugendo nk’umwanditsi.
Kadie Kay agira ati :”ubu nsigaye nandikira abandi inkuru zabo, baranyitura nkabumviriza tukagira aho dushitse mu nyuma nkamubwira azogaruke nahejeje kwandika kandi niwe nyene yitorera umuririmvyi ashaka ko aririmba iyo nkuru yiwe. Ico abantu bomenya nuko iyo ndirimbo imaze gusohoka ndayishira ku rubuga rwanje. Uwo muririmvyi aba yayiririmvye naho yoyiririmba mu butambiro mba nzi ko nawe ariko arondera ubuzima. Abaririmvyi nta ntampamyi bantera kuko tuba twavuganye ico mbona bose babikora banezerewe kandi umudiho utorerwa mu nzu ihinyanyura umuziki.
Kadie Kay avuga ko mu kwinjiza amafaranga ayakura ku rubuga rwiwe rwa youtube.