Nk’uko bishikirizwa n’umwe mu bagize imiryango iri muri zone Gatumba, ngo barafise impungenge ukwo bagiye kubaho imvura imaze gutsura. Umutama w’imyaka irenga 60, avuga ko bari biteze ko amazi agabanuka mu gice catewe n’amazi gutyo bagasubira muzabo ariko ici riheze inzu zabo zikiri mu mazi. Ubu iyo miryango iba mu mahema yatabaguritse. Kubera igihe c’imvura cimirije, iyo miryango ifise amakenga ko ubuzima bushobora kubandanya bugora kuri yo , narirya ata n’aho ikura ikiyibeshaho.
Ubu iyo miryango icumbitse aho muri zone Gatumba isaba ko yokurwaho, maze ikajanwa ahitwa Gateri muyahoze ari komine Buganda intara ya Cibitoke mu ntunganyo y’intwaro yahahora, ahatwawe iyindi miryango yateshejwe izabo n’iryo hindagurika ry’ibihe.
Abajejwe intwaro muri iyo zone bavuga ko ico kibazo bagishikirije abo vyega. Bavuga ko n’ibu babandanya bavugana kugira iyo miryango ikurwe aho, nkuko Dieudonne Mubanda yabibwiye uruganda rw’amakuru.
Muri Ndamukiza 2024, Reta yafashe ingingo yo kwimura imiryango yatewe n’imyuzure aho muri zone Gatumba kuva muri 2015 kugira ijanwe mu kindi kibanza aho imwe yajanwe ahitwa i Matyazo muyahoze ari komine Mubimbi intara ya Bujumbura. Muri kigarama umwaka uheze, igisata kijejwe gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe cavuze ko imiryango irenga 2000 ariyo yariko ikurwa aho i Matyazo kugira ijanwe muri site Gateri.