homepageKirundiSport

Muyenge Alexandre yemerewe gusubira kwitoza kuyobora ishirahamwe FFB

Amategeko mashasha y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yaraye yemejwe n’abari bitabiriye inama ya bose idasanzwe y’ishirahamwe FFB.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Nyakanga 2025 , igihe c’isaha zitatu z’agatondo (9h00) kw’ihoteli Mount Zion kera bita Sun Safari , niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryatunganije inama ya bose idasanzwe mu ntumbero yo kwemeza amategeko mashasha agenga iryo shirahamwe, ayagenga inama ya bose hamwe n’ayagenga amatora.

Ayo mategeko yemeje kandi umwe mu bagize inama ya bose yongera yemeza umugwi ujejwe amatora hamwe n’umugwi ujejwe gutatura amatati.

Bimwe bimwe vyahindutse harimwo ko amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu ntara yahinduye uturere. Mu nama ya bose naho hakaba hongewemwo abaserukira imigwi 4 y’abigeme ikina mu cicaro ca mbere.

Mu bintu vyose vyayazwe uwo musi vyemejwe 100% muri iyo nama ya bose, yaba amategeko agenga FFB, yaba ayagenga inama ya bose canke amatora, co kimwe n’uwugiye guserukira inyungu z’abakenyezi.

Muyenge Alexandre arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, yasiguye ko ayo mategeko ahanini ahinduwe mu ntumbero yo kwisunga intunganyo nshasha y’intwaro y’igihugu. Bimwe mu vyahindutse harimwo nko amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu Ntara yahindutse uturere kandi azoguma ari 18.

Amatora nayo azokorerwa k’urutonde, umuntu azokwitoza mu burongozi bwa FFB niwe azo kwishirirako Komite nshingwabikorwa yiwe mu ntumbero yo gukomeza ubumwe , bitandukanye na kera aho Umwe umwe yitoza kugiti ciwe .

Uwurongoye FFB Muyenge Alexandre yasavye kandi umugwi ujejwe gutegura amatora ko wo kwegeranya ibikenewe vyose kugira amatora azogende neza .

Ikiringo co kurongora Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kizoguma ku myaka 4, ariko
Umuntu yemerewe gutorwa ibiringo 3 ( Mandat) Ari Uwurongoye FFB canke komite Nshingwabikorwa ( Comité Executif)

Bisigura y’uko bivanye n’uko amategeko yahindutse, Muyenge Alexandre agasubira kwitoza muri Kigarama agatorwa azoba atwaye ikiringo ciwe cambere .

Mwomenya ko iyo nama yari yatewe iteka n’umuyobozi w’icubahiro ( Président d’Honneur) Réverien Ndikuriyo, Lydia Nsekera umushikiranganji Muvyo ajejwe harimwo inkino , hamwe n’intumwa zavuye mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi ( FIFA)

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE