Amategeko yaraye ahinduwe y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi aremerera umuyobozi w’icubahiro w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru (président d’honneur) Réverien Ndikuriyo gusubira kwitoza kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB.
Amategeko mashasha azotangura kuja mu ngiro mu kwezi kwa Kigarama inyuma y’amatora. Ayo mategeko akaba yemerera umuntu gutwara ibiringo 3, bisigura ko Réverien Ndikuriyo abishatse yosubira kwitoza hama agaca atwara ikiringo ciwe ca mbere.
Si Réverien Ndikuriyo gusa yosubira kwitoza, n’uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ndetse n’abariko bafashanya kurongora iryo shirahamwe baremerewe gusubira kwitoza. Bisigura ko bose hamwe ku bazokwizerwa ikiringo cabo ca mbere kuzotangura ukwezi kwa Kigarama.
Ndikuriyo Réverien yarongoye iryo shirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kuva mu mwaka wa 2013 gushika mu mwaka wa 2021 .