BurundihomepageKirundi

Ibitabo birenga 700 vyaribwe mu mashure ya Bwari na Gahahe

Ibitabo vy’abanyeshuri bingama n’amajana 777 vyo mu mashure shingiro ya Gahahe na Bwari muri zone Kayanza komine kayanza intara ya Butanyerera vyaribwe kuva mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu w’indwi iheze kugeza mwijoro ryo ku musi w’Imana. Iruhande y’iryo hari n’ibindi bikoresho vyibwe kuri ayo mashure nyene co kimwe no kwishure nshingiro rya Muyange riri mu gisagara ca kayanza. Ubuyobozi bujejwe indero muri komine Kayanza bubona ko ivyo bitabo hamwe bitoboneka bizogorana gutanga neza uno mwaka w’ishure.

Mu biro vy’ubuyobozi bw’indero muri komine Kayanza bavuga ko ibiro vyishure shingiro rya Gahahe vyabomowe incuro 2 mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu uheze buca ari ku musi wa gatandatu no ku musi w’Imana buca ari ku musi wa mbere aho hibwe ibitabu 586 vyo mu mwaka w’indwi, uw’umunani n’uw’icenda n’igitabu bita kazinduzi “Dictionnaire”, ikarato yuzuye ingwa, Radio y’ishure, icuma bita onduleur n’amakaye y’abigisha. Mw’ijoro ryo ku musi w’Imana buca ari ari kuri uyu wa mbere kw’ishure shingiro rya Bwari hibwe ibitabo vy’abanyeshure 190 naho nyene vyo mu myaka yi 7, 8, 9 hamwe n’ibitabo 2 mfasha nyigisho vy’umwigisha.

Naho kw’ishure shingiro rya Muyange riri mu gisagara ca Kayanza mw’ijoro ry’ubuca ari kuri uyu wambere naho hibwe amarobine 10 ni mu gihe iryo shure rigeretse rimwe ryaheruka gushikirizwa ku wambere w’indi iheze n’umushikiranganji w’indero François Havyarimana ku musi wo gutanguza umwaka w’ishure aho yari yasavye abanyagihugu n’abana biga kuri iryo shure kuribungabunga.

Adelain Nizigiyimana arongoye indero muri komine kayanza abona ko atagikozwe ivyo bitabo bifatwe ayo mashure yakozweko n’ubwo busuma bigiye kuzoyagora gutanga inyigisho uno mwaka w’ishure.

Kubwa Désire Hatungima yahoze arongoye intara y’indero ya kayanza amenyesha ko mu mwaka uheze habaye isakwa ry’ibitabo mu masoko y’igisagara ca Bujumbura aho mu vyafashwe basanze harimwo ivyari vyibwe.

Muri komine y’indero ya Rango mu ntara ya Kayanza mu gihe hari abahora bibaza ko bigurishwa mu mashure y’abigenga ariko muri kino gihe reta ikaba yarabahaye ibitabo. Désire Hatungimana yibaza ko ivyo bitabo bijanwa kugurishwa ku batanga vya vyigwa bita “Cours du Soir”.

Kw’ishure shingiro rya Gahahe uwahora ari umuzamu waho akaba ari mu minwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza mu gihe abazamu bo kwishure shingiro rya bwari bo bavuga ko bemeye kubiriha

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE