Abanyagihugu bo muri karatiye ya Kamesa barashima ko basubiye kuronka amazi inyuma yaho igikono cari camenetse gisubirijwe.
Uwu agira ati: “Ico kigira kabiri, ica mbere caramenetse aha ndiko ndarengana ayo mazi aramfasha ndayanywa canke ngakaraba, amazi murazi ko ari ngirakamaro mu buzima”,
Abo banyagihigu bavuga ko ubu bavoma hafi, ibiheza bigatuma abaho batunganya imirimo yabo neza.
“Twavoma mu kamesa ka ruguru vyadutwara umwanya munini canke abandi bakarindira ayaza mwijoro”
Uwu asanzwe akora akazi ko kuvoma amazi Aho bariko barubaka wewe avugako iyo amazi ahari ashobora kuvoma i bidons zirenga 10 ku musi kare yavoma i bidons 5.
“Nk’akazi nkora ni akazi “k’ikiyede” amazi ngaha atabonetse tuja kuvoma mu binogo ariko tuje ngaha ndashobora kuvoma ibido 10 ku musi kubera ari hafi”.
N’aho biri uko basaba ko boja bararonswa amatara y’ishirahamwe Regideso kuko badashobora kuvoma mu gihe yacitse.
Imbere y’uko ico gikono gisanurwa bavoma muri kamesa ya ruguru abandi bakavoma aho bita ku madarapo aho vyabatwara amasaha atari make nk’uko babivuga. Hakaba haheze indwi zababa 3 abo banya_Kamesa baronse ayo mazi.