homepageKirundiSport

Umugwi Aigle Noir Cs waraye utsinze Flambeau du Centre 

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 06 Gitugutu 2025 igihe c’isaha icenda ( 15h00) niho umugwi Flambeau du Centre w’i Gitega wakira umugwi Aigle Noir ku kibuga citiriwe Intwari mu rukino rw’indwi igira indwi rwa Primus League 2025-2026.

Urwo rukino rwari rwitabiriwe n’abarorerezi benshi cane. N’ubwo batujuje ikibuga citiriwe Intwari, vyaboneka y’uko abantu benshi bipfuza kwitabira urwo rukino.

Urukino rukaba rwarangiye ari igitsindo 1 ca Aigle Noir ku 0 bwa Flambeau du Centre, ico gitsindo kikaba cinjijwe na Ndayikengurikiye Sostène biciye kuri Penariti ku munota wa 22 w’urukino.

Aigle Noir urukino ruheruka ntirwayigendeye neza kuko yanganije ibitsindo 2-2 n’umugwi Muzinga Fc, ariko ku musi w’ejo vyarabonetse y’uko abakinyi bipfuza gutsinda urwo rukino.

Izindi nkino zabaye ku musi w’ejo ni izi zikurikira:

– Messager Ngozi 0-1 Rukinzo Fc

– Bumamuru 2-0 Muzinga Fc

– ⁠Olympic Star 1-2 Musongati Fc

– ⁠Flambeau 0-1 Aigle Noir.

Mwomenya ko Aigle Noir ufise amanota 16 mu nkino 6 umaze gukina mu gihe umugwi Flambeau du Centre ufise amanota 12 mu nkino 5 umaze gukina.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE