Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yongeye kwizera Désiré Manirakiza ngo abandanye kurongora umugambi w’igihugu PAEEJ ujejwe kugwiza akazi mu rwaruka no kurushigikira mu migambi yarwo.
Biri mw’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu inomero 100/041 yateyeko umukono kuri uyu wa 6 Gitugutu 2025.
Manirakiza nabo bagiye kubandanyana kurongora uwo mugambi w’igihugu bafise akazi kadasanzwe ko gutuma ico kigo kironka uburyo bwaco bwite, maze gisezerere kuronswa uburyo bwa Reta, ihangiro wahawe kuba washitseko bitarenze mu 2030.
Imigambi 13 mikuru mikuru PAEEJ wahawe gushira mu ngiro gushika mu 2030 ni iyi ikurikira :
1. Guhingura ivyambarwa
2. Guteza imbere igisata c’ubuvumbi
3. Gukora ibitekezo vy’ibifungurwa
4. Guteza imbere ubworozi bw’inkwavu
5. Guteza imbere amahinguriro afatiye ku burimyi bw’ibiraya
6. Guteza imbere amahinguriro ashingiye ku burimyi bw’ibigori
7. Gushiraho ihinguriro ry’ituruto
8. Guteza imbere igisata c’ubworozi bw’amafi
9. Gucukura ubutare
10. Guteza imbere igisata c’itomati
11. Guteza imbere igisata c’inanasi
12. Guteza imbere igisata c’ubuhinga bushingiye ku muyagankuba
13. Guteza imbere igisata c’ubukerarugendo bushingiye ku kubahiriza ibidukikije.
Uwo mugambi watangujwe mu mwaka wa 2020 ugahabwa umutahe wo gutangura w’imiriyaridi 48 z’amarundi, usigaye utwarirwa mu biro vy’umukuru w’igihugu mu gihe wahora utwarirwa mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo urwaruka.
Mwomenya ko abari bari mu rwego nyobozi uko bari bane bakaba bongewe kwizerwa, havuyemwo Dr Hassan Kibeya asigaye ari umushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka, amasoko ntangaguvu, ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi.