homepageKirundiSport

Romeo Vancy Mabanza yagaragaye mu myimenyerezo y’intamba mu rugamba ni nde ?

Romeo Vancy Mabanza ni umukinyi mushasha asanzwe afise amamuko mu gihugu kibanyi ca Congo Brazzaville. Uwo mukinyi akaba yatumweko mu mugwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba ku ncuro yiwe ya mbere.

Vancy asanzwe akina mu mugwi wa Patron Eisden mu cicaro ca kabiri, umugwi wo mu gihugu ca Belgique.

Vancy Mabanza akaba yavutse kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2000, akaba apima imetero (1,96m ). Yavukiye mu gihugu ca Congo Brazzaville n’abavyeyi biwe bose bakaba bamuka muri ico gihugu, ariko akaba yari yipfuje kuva kera gukinira igihugu c’Uburundi.

Vancy akaba yatanguye gukinira mu migwi na cane cane yo mu gihugu ca Congo harimwo As Vita Club. Yabandanije agomwa n’iyindi migwi itandukanye aho twobabwira nka Djoliba , Zhodino, Warnant, Schifflange ,Tienen hamwe na Patron Eisden asanzwe ariko arakinira muri kino gihe.

Romeo Vancy Mabanza asanzwe ari umukinyi w’umusatirizi. Muri uno mwaka w’inkino wa 2025-2026, Vancy akaba amaze gukina inkino 8. Yakinye iminota ( 671 min), yatsinze ibitsindo 2 nta mipira ivamwo igitsindo yatanze, akaba ata karata itukura araronka uretse ko amaze kuronka ikarata 4 z’umuhondo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE