BurundihomepageKirundiSante

Rusehabaniha zirihwa na bande

Ubu mu ntara zimwe zimwe hari aho umurwayi yirihira rusehabaniha nk’uko abashingamateka babimenyesheje umushikiranganji w’amagara y’abantu muri ino indwi. Umushingamateka Denise Ndadaye asaba ko ivyo kuriha rusehabaniha vyotomorwa neza kuko gushika ubu hari abarundi bazi ko iyomiduga itarihwa.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Lyduine Baradahana atomora ko rusehabaniha irihwa n’ikibano. “Hariho i compte iri muri district sanitaire ishirwako amahera ibihumbi bibiri nimba ntihenze arihwa n’umuryango ku mwaka (2000FBU/an et par menage).”

Kubahora barihisha umurwayi, umushikiranganji Lyduine Baradahana abasaba kubihagarika. Asigura ko ivyo kurihisha mu kibano arivyo bizobandanya bikorwa no mu ntara bitaratangura gukorwamwo kuko zitaritunganya neza kuri ico.

Ku kibazo c’uko umurwayi bishika akabura rusehabaniha imunyarukana kw’ivuriro, uyo mushikiranganji asigura ko hariko harashirwaho ubuhinga bwa none buzotuma ibitaro bifise rusehabaniha itariko irakoreshwa muri ako kanya imenyekana ubwo nyene gutyo ishobore gutumwako aho ikenewe. Amenyesha kandi ko hagiye gushirwaho n’inomero yo guhamagarako za ambulance kugira vyorohe kuzironka cane cane mu gihe c’ibiza.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE