EntertainmenthomepageKirundiSport

Cristiano Ronaldo yabonanye imbona nkubone na Perezida Donald Trump

Umukinyi rurangiranwa akomoka muri Portugal, Cristiano Ronaldo yakiriwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Munyonyo 2025 n’umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump mu ngoro iwe, White House i Washington DC.

Uyu mukinyi yabaye rurangiranwa mu gutwara ibikombe mu rukino rw’umupira w’amaguru ni umwe mubagendanye n’umuganwa w’ingoma ya Arabie Saudite Mohamed Bin Salman, batazira MBS. Uru rugendo ruri mu rukurikirane rw’ingendo zo kunoza umubano, no guteza imbere gukorana hagiti ya Leta zunze ubumwe za Amerika n’ingoma ya Arabie Saudite. Umuganwa Bin Salam, ni Umushikirangoma wa mbere wa Arabie Saudite ni nawe ategekanywa kuzosubirira se wiwe Umwami wa Arabie Saudite, Salman bin Abdulaziz Al Saud, Bin Salman agendeye Leta zunze ubumwe za Amerika nyuma yaho mugenziwe Donald Trump aheruka i Riyadh mu Arabie Saudite mu kwezi kwa Rusama 2025.

Kuva ashitse muri Arabie Saudite muri Nzero 2023 aje gukina mu murwi wa Al Nassr, umugwi ufashwe mu mugongo n’ibigo bitandukanye bikorera mu gisata c’amabanki, Cristiano Ronaldo w’imyaka 40, ntibahengeshanya kumufata nk’ igihangange mu mupira w’ amaguru murico gihugu. Kujana n’Umuganwa Bin Salman mu rugendo rwo ku rwego nkuru vyerekana ijunja uyu mukinyi amaze kugira muri iki gihugu kigendera ku mategeko y’ iki Islam, ni mu gihe Arabie Saudite itegekanya kuba igihangange mu bisata vy’ inkino, kwinezereza, ingenzi, hamwe na diplomacie.

Mw’ ijambo ry’iwe President Donald Trump yamenyesheje ko ari umukuru w’igihugu w’ abenegihugu bose, atawe akumira ko uwumukeneye wese, amuha umubonano ata mananiza. Trump yongeyeko kandi ko umuhungu wiwe ari umufana akomeye cane wa Cristiano Ronaldo. Iyi nama ibaye mu gihe Ronaldo aheruka guca agahigo kw’isi nk’umukinyi wa mbere mu rukino rw’ umupira wa maguru atunze miliyari y’amadolari, akaba kandi yayihuriyemwo na bagenzi we batunze amamiliyari harimwo umutunzi wa mbere kw’isi, Elon Musk na Tim Cook arongoye Apple.

Cristiano Ronaldo muri kahise yamye agaragaza ko ashaka kubonana na President Donald Trump aho yanamurungikiye umwambaro w’umugwi nserukiragihugu wa Portugal yashizeko igikumu ciwe. Uru rugendo kandi ruje inyuma yaho umugwi nserukiragihugu abereye kizigenza ukatishije itike ryo gukina imikino ya nyuma y’igikombe c’isi ca 2026 kizobera mu Amerika ya ruguru na Leta Zunze ubumwe z’ amerika zirimwo, aho uyu rurangiranwa amaze kumenyesha ko kizoba arico gikombe c’isi canyuma azoba akinye mu rugendo rwiwe nk’umukinyi w’ umupira w’ amaguru.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE