EntertainmenthomepageKirundiMusic

Abaririmvyi nibo mbonakazoza y’urwaruka

Umuririmvyi w’umurundi AndyMwag, umwanditsi w’indirimbo “watu”  amenyesha ko abaririmvyi bafise uruhara ntangere kuri kazoza k’urwaruka bivanye n’ubutumwa batanga mu ndirimbo zabo. Ni amwe mu majambo Andy Mwag  yashikirije ku nsamirizi Radio Indundi Culture kuei uyu wa gatanu igenekerezo 28 munyonyo 2025 mu kiganiro indundi Hits Show

Andy Mwag avuga ko abaririmvyi boreka kwihuta gutera umukono ku masezerano yo gukorana n’amasosiyete atandukanye batabanje gushishoza kuko amwe amwe ngo usanga abashize mu bibazo bigora kuvamwo.

Ahamagarira abaririmvyi gukora indirimbo zabo mu rupfasoni zishobora kujabuka imbibe kuko nibo mbonakazoza y’urwaruka.

Andy akaba afise igiteramo agiye gukora ku musi w’Imana, igenekerezo rya 30 Munyonyo 2025 kuri Zanzi.

Indirimbo yiwe yise “watu” ikaba iri ku rubuga rwiwe rwa YouTube . Ni indirimbo irimwo amajambo yo guhanura abantu. Arangiza ahanura abaririmvyi kumenya uko boshobora kwindandaza kugira ngo umuziki ndundi ushike kure.

 

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE