AfriquehomepageKirundisécurité

Sirba, Ambro na Abu Qamra, ubuzima bwahindutse umuriro udahera

Muri Sudan, abantu barenga 200 barishwe mu bitero vyakozwe n’igisirikare ca Rapid Support Forces (RSF) muri Darfur, nk’uko bishikirizwa n’ivyegeranyo vya ONU. Muri uyu mwaka turiko turasozera wa 2025, intambara hagati y’igisirikare ca Sudan n’abarwanyi ba RSF yaragize ingaruka zikomeye cane ku banyagihugu, na canecane mu ntara ya Darfur.

Nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamukugu ONU hamwe n’amashirahamwe y’abagiraneza, abantu barenga 150.000 baramaze guhitanwa n’iyo ntambara kuva yatangura muri Ndamukiza 2023.

Muri uku kwezi, RSF yagirijwe gukora ibitero bikomeye ku banyagihugu bo mu bice vya Ambro na Abu Qamra (mu buraruko bwa Darfur) hamwe na Sirba (mu burengero bwa Darfur). Abantu barenga 200, harimwo abakenyezi n’abana barishwe mu buryo bw’agashinyaguro, nk’uko vyemezwa n’ishirahamwe ry’abaganga bo muri Sudan. Abacitse kw’icumu bashoboye guhungira mw’ikambi ya Tina, hafi y’urubibe Sudan ihana na Tchad, bavuze ko abanyagihugu bariko baricwa ku buryo bwateguwe hashingiwe ku bwoko bwabo.

Ibi vyemezwa kandi n’ivyegeranyo vya ONU vyerekana ko ibitero vyabaye ku makambi ya Zamzam na Abu Shorouk, aho abantu barenga 100 bishwe abatari bake nabo bagakomereka, harimwo abana 20 n’abakozi 9 bakorera amashirahamwe y’abagiraneza.

Umuyobozi mukuru w’ishami rya ONU ryitaho agateka ka zina muntu, Volker Turk, yamenyesheje ko isi yirengagije akaga abanya Darfour barimwo kandi ko ibitero vya RSF vyatumye ikibazo c’ubuzima muri rusangi n’umutekano kirushiriza kuba kibi mu gisagara ca El Fasher hamwe no mu bindi bice. Ibi bitero vyasize ibisagara n’amakambi y’abateshejwe izabo asenyuka. Aha ni mu gihe amasoko n’amazu vyaturiwe, abatashoboye guhunga bakicwa. Ikambi ya Zamzam yonyene irimwo abantu barenga 700.000 bahunze intambara.

Amashirahamwe y’abagiraneza hamwe na ONU bariko barasaba ko haba ingingo zihuta zo gukingira abanyagihugu, gusubizaho imfashanyo z’ivyankenerwa no gutanguza amatohoza yigenga ku vyaha vy’intambara n’ivyaha vy’ihonyabwoko bishobora kuba vyarakozwe muri iyo ntambara.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE