homepageKirundiPolitique

FARDC yahagaritse umuvugizi wayo kubera imvugo z’ urwanko ku bwoko bw’abatutsi

Mu gihe igihugu ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo (RDC) kibandanya guhura n’ibibazo vy’umutekano n’ukwiyongera kw’amatati ashingiye k’amoko, igisirikare ca FARDC camenyesheje ko cahagaritse umuvugizi waco, Jenerali Major Sylvain Ekenge Bomusa Efomi, inyuma y’aho avugiye amajambo yiswe y’urwanko n’ivangura ku bwoko bw’abatutsi.

Ku wa gatandatu uheze igenekerezo rya 27 Kigarama 2025, Jenerali Ekenge yagaragaye ku mboneshakure y’igihugu RTNC, aho yamenyesheje ko: ”abatutsi bariko barakora ibikorwa vy’ubuhumbu” biciye mu “gushiraho amasezerano y’ubugeni mu mpisho” kugira ngo “bongere abana bo mu bwoko bwabo” mu ntumbero yo “kugumana ubwiza kamere bwabo.” Aya majambo yateye icuka kibi mu gihugu no hanze yaco, cane cane mu gihe RDC iriko irahangana n’ bibazo vy’ matati y’ moko mu buseruka bw’igihugu.

Mw’itangazo ryasohowe ku wa mbere, igenekerezo rya 29 Kigarama 2025, uburongozi Bukuru bwa FARDC bwamenyesheje ko bwamaze guhagarika Jenerali Ekenge. Itangazo rivuga:” Turiyamirije amajambo yavuzwe na Jenerali Major Sylvain Ekenge Bomusa Efomi, kuko yuzuyemwo imvugo y’amacakubiri ku bwoko bwa’abatutsi kandi ataho bihuriye n’ivyo igisirikare cacu gihagarariye.” Ubuyobozi bw’iki gisirikare bwamenyesheje kandi ko ayo majambo “ntaho ahuriye n’ ibwirizwa nshingiro rya RDC canke imigambi y’igisirikare ya FARDC,” kandi ko “ntahuye n’ivyo Perezida Felix Tshisekedi canke reta ya RDC biharanira.”

Ibi bibaye mu gihe hari ubwoba bw’ukwiyongera kw’amatati y’amoko mu ntara ya kivu y’epfo na kivu ya ruguru, aho abarwanyi ba M23, benshi bafitaniye isano n’ abatutsi, bariko barwana n’ igisirikare ca reta. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimaze kumenyesha ko abarenga 7.000 bahunze intambara mu kwezi kwa Munyonyo 2025 gusa, benshi muri abo bakaba ari abo mu bwoko bw’ Abatutsi.

Abaharanira agateka ka zina muntu baraneguye cane ayo majambo ya Jenerali Ekenge, bavuga ko ahobora gutuma haba ubwicanyi bushingiye ku moko, nk’ uko vyigeze kuba mu myaka ya 1990. Ishirahamwe Human Rights Watch ryasavye ko haba amatohoza yigenga kandi yihuta kugira hamenyekane ico ayo majambo ashobora kuba yavukeyeko.

Naho FARDC yahagaritse Jenerali Ekenge, haracariho ivyiyumviro bitandukanye ku kuntu igihugu kizokwitwara mu bijanye n’ ukwiyubaka kw’ inzego z’ umutekano. Hari abavuga ko hakenewe inyigisho z’ ukwigisha abasirikare ku bijanye n’ agateka ka zina muntu n’ ukwubaha amoko yose mu gihugu.

Hari kandi impungenge ko imvugo nk’ izo zishobora gutuma haba ubwicanyi bushingiye ku moko, nk’ uko vyagiye biraba muri kahise, harimwo n’ igihe c’ intambara hagati ya 1996-2003, aho abantu ibihumbi n’ ibihumbi bishwe.

Hagati aho, uburongozi bwa FARDC burasaba abanyagihugu kwirinda imvugo z’ urwanko, no gushimangira ubumwe n’ amahoro. Bwavuze ko igisirikare kizobandanya gukorera bose ata vangura, kandi ko abashaka gukwiragiza urwanko bazohanwa hakurikijwe amategeko.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE