Kirundisécurité

Musigati: Umusore arapfunzwe yagirizwa kugandagura mugenziwe

Hari umusore apfungiwe mu gasho k’igiporisi i Musigati yagirizwa kugandagura mugenziwe  amucumise imbugita kuri uyu w’Imana mu masaha y’umuhingamo i Nyamugerera.

Umusore Ndayikengurukiye Samuel arapfunzwe inyuma yo kwica mugenziwe Irakoze Daniel hari ku wa mungu  k’umutumba wa Nyamugerera, zone kivyuka, commune Bubanza muntara ya Bujumbura mugasho k’inyamiramabi ka commune ya kera ya  Musigati. Nk’uko abajejwe intwaro babivuga,

Iyo misore bariko barasangira inzoga yo mu ducupa twa plastique bita NIKO, vyarangiye umwe acumise mugenziwe arapfa ubwo nyene. Hari nk’isaha 8 ejo k’umusi wa Mungu.

Nk’uko bimenyeshwa n’abajejwe intwaro n’inyamiramabi, Irakoze Daniel na Ndayikengurukiye Samuel bari biriwe badandaza ivyema( ikaranga), maze baja kwiruhura basangira inzoga yitwa Niko ( bamwe bavuga ko ari saporo yahinduwe izina ),  Samweli ntawuzi ico yapfuye na mugenziwe, aca afata imbugita akuye mw’ibutike acumita mu mutima mugenzi we.

Uyo musore yaciye afatwa  abanyagihugu bagira bihanire , ariko abajejwe umutekano barahaseruka bamujana mugasho.

Benshi bavuga ko vyoba vyatumwe n’akaborerwa kavuye kuri iyo nzoga, ico bapfuye ntakiramenyekana. Amatohoza akaba ariko arakogwa i Musigati.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE