BurundiCommercehomepageKirundi

Ni gute aka kazi ko kwotsa ibigori ku mabarabara kabeshejeho abatari bake mu bakenyezi batunze imiryango i Bujumbura ?

Bamwe mu bakenyezi  bakora  akazi  ko  gucuruza  ibigori  vyokeje  ku mabarabara mu ntara  ya  Bujumbura   barasaba  ko bokworoherezwa  muri  ako  kazi kuko   hari aho  babuzwa   kwotsa  ivyo bigori n’abajejwe intwaro  kandi  ariko  kazi  kabatuma  bibeshaho  no  kubeshaho  imiryango yabo.  Mu myaka hafi irenga  itatu  iheze, abajejwe intwaro  mu ntara ,  bagiye  barafata ingingo zo guhagarika urwo rudandaza rw’ibigori vyokeje  ku mabarabara kubera imvo zitandukanye

Bugorovye,  ku murwa mukuru w’ubutunzi  Bujumbura, biragoye kuva kw’ibarabara rimwe  uja ku rindi ngo  uriheze utabonye  n’iburiburi umukenyezi  umwe  canke  babiri bariko  botsa ibigori. Kandi abo  bakenyezi bemeza  ko ariko  kazi  kabatunze.

Ahitwa  Sobel  muri  commune   Ntahangwa  intara  ya  Bujumbura,  ni  kimwe    mu bindi bibanza  muri  iyo  commune   gihurirwamwo  n’abakenyezi baharurwa  mu majana. Kuva mu masaha y’igitondo, bamwe  bashoye , abandi  baje  kurangura  ibigori  bitoto.  Mu baza  kubirangura ,hari  abacuruza    ivyokeje  abandi  nabo ibitetse.  Abavyotsa  ku mabarabara  yamara   bidoga  ko  hari aho  baburabuzwa n’abajejwe intwaro, bababuza  kwotsa ivyo  bigori.

«Birya bintu  biratubabaza  cane  kuko  natwe  akazi kaba  gahagaze », niko  umwe  mu bakenyezi avuga.

Yongerako ati: «iyo bariko  bajana  benewacu mu gasho [kubapfunga ], ntibaba bivye. Harya  biratubabaza…twobasaba ko  botubabarira »,  niko  umwe mu bakenyezi twasanze  yaje  kurangura  ibigori vyo kwotsa aho  muri Sobel  yigana.

Abo  bakenyezi  bavuga  ko hari aho   batemererwa   kwotsa  ivyo  bigori,  kandi   muri ako  kazi  ariho bazeye  uburaro n’uburamuko, gutyo  bagasaba  kworoherzwa.

«Mubisanzwe, abadandaza ibigori, botureka, uku nyene abandi baja  kurangura mu mirima  bakabizana  hano natwe  tukabungukira, bakatureka  tukaja turidandariza kugira  turonke ingene tugaburira  abana  bacu. Bamaze  kwirukana  ibigori, tuba turiko turacinyizwa», niko uwundi  mukenyezi  avuga. 

Umwe  mugabo asanzwe  ari  mu baranguriza   ibigori bitoto muri ico kibanza nyene nawe arashigikiye  ko abo bakenyezi  bokoroherezwa kugira  bashobore kwibeshaho.

« Akazi umuntu ahambije niko akora kugira  umuntu  aronke ubuzima. Ntubona  ko  ubuzima bw’ubu bugoye? Jewe  narimye, ndashora nabo  bakandangura», niko uyo mugabo avuga.

N’aho abo bakenyezi  bavuga ko batoroherezwa     muri  ako  kazi,  uyu mukenyezi ashimangira  ico  ako kazi kamaze  kumumarira:

«Mfise abana bane, bariga kandi ndabambika kandi uwa mbere  yiga mu mwaka w’indwi», niko umwe mu bandi bakenyezi ashinga intahe avuga. Yongerako kandi ko amaze imyaka itari mike akora ako kazi.

Uyo mukenyezi agira ati : «Ndangura ibigori vy’ibihumbi mirongo itanu (50.000), maze imyaka  cumi ndangura ibigori. Kandi ibigori birantungiye umuryango. Natanguye  ngifise umwana wa mbere akiri uruhinja ubu  afise imyaka 13 ».

Mu gisagara ca Bujumbura, nk’akarorero,  nta gihe  na kimwe  habura bene abo bakenyezi botsa  ibigori ku mabarabara. Bavuga ko  batigera  babura ivyo botsa, kuko « ivyo mu mwonga vyerura, ivy’agatasi navyo vyeze » , gutyo bakama bafise ivyo barangura.

N’ubwo abo bakenyezi bo bashima ko ako kazi ari ko  kabatunze, ntigashigikiwe  n’abajejwe intwaro kuko  bama bafashe ingingo  zo kugahagarika.

Mu ntara  zitandukanye mu ndinganizo  y’intwaro  yahahora   canke  nshasha, abajejwe  intwaro  haba  ku rwego  rw’intara  canke  rw’amakomine bagiye  barafata  ingingo yo  kubuza  kwotsa  ibigori  ku mabarabara. 

Zimwe  mu mvo zikaba ari  ugukingira  umwimbu w’ibigori canke  kwubahiriza  ibijanye n’isuku nk’uko  izo  ngingo  zabivuga. 

Ahandi naho, ingingo nk’izo abarongoye  intara bakaba bavuga ko ari  kugira   hatuzwe ubusuma bw’ibigori mu mirima.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE