Bamwe mu bakenyezi bakora akazi ko gucuruza ibigori vyokeje ku mabarabara mu ntara ya Bujumbura barasaba ko bokworoherezwa muri ako kazi kuko hari aho babuzwa kwotsa ivyo bigori n’abajejwe intwaro kandi ariko kazi kabatuma bibeshaho no kubeshaho imiryango yabo. Mu myaka hafi irenga itatu iheze, abajejwe intwaro mu ntara , bagiye barafata ingingo zo guhagarika urwo rudandaza rw’ibigori vyokeje ku mabarabara kubera imvo zitandukanye
Bugorovye, ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, biragoye kuva kw’ibarabara rimwe uja ku rindi ngo uriheze utabonye n’iburiburi umukenyezi umwe canke babiri bariko botsa ibigori. Kandi abo bakenyezi bemeza ko ariko kazi kabatunze.
Ahitwa Sobel muri commune Ntahangwa intara ya Bujumbura, ni kimwe mu bindi bibanza muri iyo commune gihurirwamwo n’abakenyezi baharurwa mu majana. Kuva mu masaha y’igitondo, bamwe bashoye , abandi baje kurangura ibigori bitoto. Mu baza kubirangura ,hari abacuruza ivyokeje abandi nabo ibitetse. Abavyotsa ku mabarabara yamara bidoga ko hari aho baburabuzwa n’abajejwe intwaro, bababuza kwotsa ivyo bigori.
«Birya bintu biratubabaza cane kuko natwe akazi kaba gahagaze », niko umwe mu bakenyezi avuga.
Yongerako ati: «iyo bariko bajana benewacu mu gasho [kubapfunga ], ntibaba bivye. Harya biratubabaza…twobasaba ko botubabarira », niko umwe mu bakenyezi twasanze yaje kurangura ibigori vyo kwotsa aho muri Sobel yigana.
Abo bakenyezi bavuga ko hari aho batemererwa kwotsa ivyo bigori, kandi muri ako kazi ariho bazeye uburaro n’uburamuko, gutyo bagasaba kworoherzwa.
«Mubisanzwe, abadandaza ibigori, botureka, uku nyene abandi baja kurangura mu mirima bakabizana hano natwe tukabungukira, bakatureka tukaja turidandariza kugira turonke ingene tugaburira abana bacu. Bamaze kwirukana ibigori, tuba turiko turacinyizwa», niko uwundi mukenyezi avuga.
Umwe mugabo asanzwe ari mu baranguriza ibigori bitoto muri ico kibanza nyene nawe arashigikiye ko abo bakenyezi bokoroherezwa kugira bashobore kwibeshaho.
« Akazi umuntu ahambije niko akora kugira umuntu aronke ubuzima. Ntubona ko ubuzima bw’ubu bugoye? Jewe narimye, ndashora nabo bakandangura», niko uyo mugabo avuga.
N’aho abo bakenyezi bavuga ko batoroherezwa muri ako kazi, uyu mukenyezi ashimangira ico ako kazi kamaze kumumarira:
«Mfise abana bane, bariga kandi ndabambika kandi uwa mbere yiga mu mwaka w’indwi», niko umwe mu bandi bakenyezi ashinga intahe avuga. Yongerako kandi ko amaze imyaka itari mike akora ako kazi.
Uyo mukenyezi agira ati : «Ndangura ibigori vy’ibihumbi mirongo itanu (50.000), maze imyaka cumi ndangura ibigori. Kandi ibigori birantungiye umuryango. Natanguye ngifise umwana wa mbere akiri uruhinja ubu afise imyaka 13 ».
Mu gisagara ca Bujumbura, nk’akarorero, nta gihe na kimwe habura bene abo bakenyezi botsa ibigori ku mabarabara. Bavuga ko batigera babura ivyo botsa, kuko « ivyo mu mwonga vyerura, ivy’agatasi navyo vyeze » , gutyo bakama bafise ivyo barangura.
N’ubwo abo bakenyezi bo bashima ko ako kazi ari ko kabatunze, ntigashigikiwe n’abajejwe intwaro kuko bama bafashe ingingo zo kugahagarika.
Mu ntara zitandukanye mu ndinganizo y’intwaro yahahora canke nshasha, abajejwe intwaro haba ku rwego rw’intara canke rw’amakomine bagiye barafata ingingo yo kubuza kwotsa ibigori ku mabarabara.
Zimwe mu mvo zikaba ari ugukingira umwimbu w’ibigori canke kwubahiriza ibijanye n’isuku nk’uko izo ngingo zabivuga.
Ahandi naho, ingingo nk’izo abarongoye intara bakaba bavuga ko ari kugira hatuzwe ubusuma bw’ibigori mu mirima.
























