KirundiPolitique

Ivyo kuja gukora canke kwiga hanze , biriko bigenda gute ku barundi muri ino myaka?

Reta y’u Burundi ivuga ko itabuza abantu kuja kwisumamwo mubindi bihugu,ariko ko ishaka ko abagenda , bagenda baciye munzira zizwi. Kugira ivyo bishoboke, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, buvuga ko mu Burundi hamaze kwemererwa amashirahamwe arenga 60 arungika abakozi hanze kugira bagende biciye munzira zizwi. Ariko inegura ko hari abaca baja mubindi bihugu baciye munzira zitazwi.

Ubushikiranganji bw’uburundi bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu buvuga ko gushika ubu amashirahamwe 64 akora ivyo kurungika abakozi b’abarundi mu bindi bihugu ,ariyo amaze kwemererwa na Reta
Ayo yose kuva yemerewe , amaze kurungika hanze ,abakozi b’abarundi barenga ibihumbi mirongo na kimwe (21.642) nk’uko bivugwa n’umushikiranganji Edourd Bizimana aburamutswa. Muri abo, umushikiranganji Bizimana avuga ko mugihugu ca Arabia Saoudite honyene hariyo 21 214 , Emirats Arabes Unis 420, abandi bakaba bari mu bihugu nka Quatar, Serbie , Oman na Albanie
Uretse abo baja gukora ubuzi biciye mumasezerano yo guhanahana abakozi Uburundi bwagiranye n’ivyo bihugu, hari kandi n’abaja kwiga.
Umushikiranganji Edourd Bizimana anegura ko bamwe muri abo barundi baja hanze kwiga canke gukora ubuzi, hari abaca baja mubindi bihugu binyuranye n’ivyo baba barungitswemwo

”abarundi baragerzageza kuja aha na hariya kugira barabe ko bowisununura ,bagateza imbere iguhugu, mugabo iyo bidakozwe neza, birafise ingaruka mbi kuri abo bantu mbere no kugihugu”, niko umushikiranganji Bizimana yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu.
Yatanze tumwe mu turorero tw’abagenda ,munyuma bagahitamwo kwigira mubindi bihugu
”ibi bintu vyo kuja gukorera mu mahanga, hari abavyifatamwo nabi”
”ubu hano dufise passeports 140 z’abarundi bagiye muri Serbie abandi muri Korea, bagaca babita muri poubelles (mw’iyarara) …hanyuma biraheza bikagira ingaruka mbi: bizibirira amayira abandi bogiye”, niko umushikiranganji abandanaya avuga. Uretse izo passeports 140 yerekanye, umushikiranji Bizimaan avuga ko hashobora kuba hari n’izirenga izo zatawe.

Naho abaja hanze babwirizwa guca muri ayo mashirahamwe azwi na Reta, umushikiranganji avuga ko naho nyene bishika bakibwa kuko bataba bazi uko ivyo vyo kuja hanze biba vyateguwe.
Umushikiranganji abahamagarira kwegera ubushikiranganji kugira bamenye amakuru y’ukuri.
Ureste abashimye kwigira mubindi bihugu, hari kandi n’abarundi bagiye mugihugu ca Korea y’epfo bagera ku 240 bakresheje impapuro za magendo, abo nabo ”bagashobora kwirukanwa ndetse bagire nivyo babazwa ni bamara kurungikwa mu Burundi”. Kubw’umushikiranganji, ”ivyo bikaba bihesha isura mbi u Burundi”

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE