BurundihomepageJusticeKirundi

Aluchoto: “Haracariho agahaze”

N’ubwo itegeko rishiraho Sentare z’intango n’izo igihugu ari ryiza mu ntumbero yo kwegereze ubutungane abanyagihugu, haracariho agahaze kugira zitunganirize neza abarundi. Vyashikirijwe n’umuhuzabikorwa w’ishirahamwe Aluchoto Vianney Ndayisaba kuwa 8 Ndamukiza 2026 mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku cicaro c’iryo shirahamwe.

Muri ico kiganiro uwo muhuzabikorwa yavuze ko yisunze ingingo ya 12 y’iryo tegeko, uwu munsi Sentare zintango n’izo igihugu, ziriko zirakora zidakwirikije amategeko y’igihugu.

Iyo ngingo ivuga ko itegeko rigiye mu ngiro umunsi riteweko igikumu. Naryo iryo tegeko rikaba ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2026. Uno munsi abitura izo Sentare bakaba bajuragira batabona aho bitura n’abo bitura. Ariko hari Sentare zikora ukuri kwamye, uwo muhuzabikorwa akibaza ingingo bafata aho zizoshikana igihugu. Igituma hari ingaruka mbi z’iryo tegeko nakaba ar’uko ryo rihari ariko abakora mur’izo Sentare zikaba zitarahaja, akaba ata n’ibiro bihari n’ibindi bikoresho hamwe hamwe.

Ingaruka z’ivyo bintu ni nyinshi: hari imanza z’ikibiriraho usanga zidashashe kubera ko parake na Sentare vy’igihugu vyaho icaha cakorewe bitarajaho, ugaca usanga ikiringo caheze kandi canke n’ibimenyetso vyazimanganye. Hari gushira mu ngiro imanza ziba zaciwe n’izindi Sentare, bikaza bivugwa na Vianney Ndayisaba.

Kuri ivyo vyose umuhuzabikorwa wa Aluchoto asaba Umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane gushiraho vuba bwango abakozi bo muri Sentare na Parake, ibikoresho naho bakorera. Ati n’ubwo boba barashizeho umwumwe, abandi bakazobaha akazi mu nyuma.Kubera ko igisata c’ubutungane kiri mu bisata bivugwamwo ibiturire, Vianney Ndayisaba asaba ko boshiraho abantu b’abashingantahe n’abapfasoni b’ijunja n’ijambo badapfungira abantu ubusa,bakaguma bapfunzwe kandi barejejwe.

Abahindura amadosiye y’amatati asanzwe bakayagira ay’ivyaha. Umuhuzabikorwa wa Aluchoto arashima ko kuva hejuru gushika hasi abashikirizamanza bariko bararekura abapfungiwe ubusa, abejejwe n’abandi bapfunzwe ata mategeko akwirikijwe. Ariko rero avuga ko muri Sentare hakiri ikibazo abacamanza n’abashikirizamanza nabo bakwiye kwikubita agashi canke bagasubirizwa.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE