homepageJusticeKirundi

Makamba: Intunganyo nshasha y’ubutungane irateye irashimwa, ariko ikaba ikirimwo intambamyi

Intunganyo nshasha igamije kwegereza ubutungane abanyagihugu irakengurukwa ariko ikongera igatera amakenga nkuko vyemezwa n’abanyagihugu bo muri komine Makamba, mu ntara ya Burunga. Hari abashima ko ingendo zizogabanuka , Yamara abandi banegura ko atanyubako zategekanjwe ayo ma sentare azokoreramwo hamwe reron’amasango agoye kuronka yahoo imanza ziburanishirizwako.

Bamwe mubanyagihugu bo muri commune makamba barashima,ingingo yo gutunganya gushasha igisata c’ubutungane kuko bizotuma abitura ico gisata bagabanirizwa ingendo zirezire zahora zituma bakoresha uburyo bwinshi.

Naho biruko abanyagihugu twaganiriye bemezako iyo ntunganyo nshasha iriko ituma akazi murico gisata katagenda neza, kuko hari baja kwitura ubutungane muri kino gihe batakirwa .

Bamwe bavugako bahabwa amasango atazwi ibituma bajuragirika .

Ikindi bavuga nuko naho iyo ntunganyo itegekanya gushinga sentare z’intango muma zones yose, ariko bakagira amakenga ingene zizotangura gukora atanyubako  zogukoreramwo zihari.

Kurivyo banavuga kandi ko abacamanza bazoshirwa murizo sentare bazogira ibibazo vy’ingene baba murutwo duce dusanzwe dukenyemwo inyubakwa, mugihe ata n’uburyo bwo kwiyunguruza bafise. Eka mbere n’abashingwamanza bazogorana kuboneka kubaburanyi bifuza ko babunganira mumanza z’abo.

Ayo makenga n’abacamanza twavuganye barayafise mbere bakanemezako mukurindira iyo ntunganyo nshasha hari imanza ziva muturere tuzoba turimwo sentare nshasha batakira kugira zizoce zicirirwa mumasentare mashasha yashinzwe.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE