Ku wa 28 Ndamukiza, Leta y’Uburundi izotanguza isekeza ry’igihugu ry’ugucandaga abantu indwara ya kanseri yo mu mugitereko ku bakobwa.
Iryo sekeza, rizomara imisi itatu, ryerekeye abakobwa bafise imyaka 9 gushika kuri 14, babonwa nk’abavyeyi bo muri kazoza.
Nk’uko bivugwa na Muganga Guillaume Ntawukuriryayo, umuganga arongoye intara y’ubuvuzi ya Butanyerera, iyo ndwara ni ingorane ikomeye mu buzima bw’abantu. Asigura ko kanseri yo mu gitereko yandukira biciye ku guhuza ibitsina kandi akenshi ikaba itigaragaza gusa inyuma y’igihe kirekire mu mubiri. Avuga ati: “Iyo imenyekanye haciye igihe, biragoye, mbere ntibishoboka, kuyivura.”
Abajejwe amagara y’abantu na bo nyene barashimika ku bukomezi bw’iyo ndwara. Nk’akarorero, mu mwaka uheze, abagore 80 barapfuye mu bigo vy’ubuvuzi vyo mu ntara ya Butanyerera kubera iyo kanseri. Igitigiri cerekana ko bikenewe gukomeza ibikorwa vyo kuyirinda.
Muri iyo ntumbero, iryo sekeza rigamije gukingira abigeme bakiri bato imbere y’uko bashobora kugeramirwa. Abakobwa bose hamwe bashika 197.112 ni bo bitezwe muri intara ya Butanyerera kugira baronke urwo rucanco. Inyuma y’iki gihe, urwo rucanco ruzoshirwa mu rutonde rw’ibisanzwe bitangwa mu gihugu vyo gukingira abantu.
Si ubwa mbere urwo rucanco rutangwa mu Burundi. Mu vy’ukuri, rwari rwarigeze gutanguzwa mu 2016 mu ntara zimwezimwe zacaguwe, na canecane Ngozi na Rumonge, ivyavuyemwo bikaba vyarafashije cane.
Abajejwe amagara y’abantu rero basaba ko hoba amahimiriza akomeye. Muganga Ntawukuriryayo asaba abajejwe intwaro kwigisha abavyeyi kugira bashobore gucandagisha abana babo. Aranashimika ku vy’uko bikenewe kurwanya ibihuha: “Abavyeyi ntibakwiye kwumviriza amakuru y’ikinyoma yerekeye urwo rucanco kandi bakwiye, igihe bikenewe, kubimenyesha abategetsi babijejwe.”
























