Domingos Simoes Pereira ni umwe mu banyapolitike bazwi cane kandi bafise ijambo rikomeye muri Guinea-Bissau. Yavutse mu mwaka wa 1963 i Farim, mu buraruko bw’ico gihugu. Yize ivy’ubwubatsi n’ubuhinga muri kaminuza zo mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, muri Amerika no muri Portugal. Pereira ni umukuru w’umugambwe PAIGC, umwe mu migambwe ya kera kandi yagize uruhara runini mu rugamba rwo kurwanira ukwikukira kwa Guinea-Bissau.
Kuva mu mwaka wa 2014, ni we arongoye uwo mugambwe, kandi amaze igihe kinini ari umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Perezida Umaro Sissoco Embaló.
Hagati ya 2014 na 2015, Domingos Simoes Pereira yabaye Umushikiranganji wa mbere wa Guinea-Bissau. Ico gihe, benshi bari biteze ko igihugu gishobora gusubira kugira amahoro n’intwaro nziza inyuma y’igihe kirekire hari ukutukutumvikana muri politike mu gutembagaza ubutegetsi. Ariko rero, ubutegetsi bwiwe ntibwamaze igihe kirekire kubera amakimbirane ya politike hagati yiwe n’uwari Perezida ico gihe.
Pereira yarigeze no kuba Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rihuza ibihugu bivuga ururimi rw’Igiporutugali (CPLP), hagati ya 2008 na 2012, ivyo bikaba vyaramufashije kumenyekana cane mu rwego mpuzamakungu.
Mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2019, Pereira yarahatanye na Perezida Embaló, ariko ntiyemera ivyavuye mu matora, avuga ko habayemwo ubusuma n’utunenge twinshi. Kuva ico gihe, igihugu ca Guinea-Bissau carushirije kwinjira mu ntureka za politike hagati y’impande zompi.
Abamushigikiye bavuga ko Pereira ashaka kubona igihugu kigira intwaro ishingiye ku mategeko, kurwanya igiturire no kugabanya uruhara rw’abasirikare muri politike. Ariko abatamushigikiye bamwagiriza gushaka gusubira ku butegetsi biciye mu nzira zidasanzwe.
Mu nyuma y’ugutembagazwa kw’ubutegetsi kwabaye mu mpera za 2025, Pereira yarafashwe arapfungwa, hanyuma aza kurekurwa mu ntango za 2026 ariko aguma acungerewe mu rugo iwe. N’ubu aracagirizwa kugira uruhara mu migambi ivugwa yo gushaka guhirika ubutegetsi, naho we hamwe n’abamwunganira mu mategeko babihakana bivuye inyuma.
Iryo tabwa muri yompi rya Domingos Simoes pereira rije ryongera gukomeza impungenge ku mutekano wa politike muri Guinea-Bissau, igihugu kimaze imyaka myinshi kirangwa n’ukutumvikana kwa politike n’igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi.
























