AfriquehomepageKirundiSante

Afrika: umugambi wo kugwanya inkiza ca Ebola uzotwara imiriyoni 518 z’amadorari y’abanyamerika

Hari umugambi wo kwitegurira kugwanya ingwara ya Ebola ku mugabane wa Afrika uzotwara amafaranga angana n’imiriyoni 518 z’amadorari y’abanyamerika. Uwo mugambi uzoshirwa mu ngiro n’ishirahamwe ritaho amagara y’abantu kw’isi OMS rifadikanije n’ikigo kijejwe gukinga no kugwanya ingwara z’ivyaduka “AfricaCDC”.

Uwo mugambi ukazoba ugenewe gufasha cane cane muri Repubirika iharanira demokarasi ya Congo n’Ubuganda hamwe no gutegura ibindi bihugu mu guhangana n’ico kiza. Uzokorwa mu mezi atandatu, kuva muri Ruheshi gushika mu Munyonyo 2026 nk’uko bishikirizwa na Hadja Lahbib, komiseri ajejwe kugwanya ibiza mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya igihe yari yagendeye Repubirika iharanira demokarasi ya Congo, kuri uyu w’Imana uheze, igenekerezo rya 7 Ruheshi 2026.

Mu rugendo yagize mu ntara ya Bunia muri ico gihugu nyene, yarashikirije amatoni 100 y’ibikoresho anagenda yemeye ko Ubumwe bwa Buraya bugiye gutanga imfashanyo y’imiliyoni 5 z’ama euro azofasha mu kugwanya iyo ngwara.

Gushika ubu mu gihugu ca Congo, abamaze kwandura iyo ngwara ni 515, abamaze kwitaba Imana ni 91. Muri Uganda abamaze kwandura ni 19 nayo 2 bakaba bamaze kwitaba Imana

Mu Burundi, umushikiranganji w’amagara y’abantu aherutse kumenyesha ko uburyo bungana n’imiriyoni 17 z’amadorare buhari budakwiye kugira ngo igihugu citege guhangana neza n’ico kiza.

Ikiza ca Ebola giterwa n’ubwoko Bundigyo catanguriye muri Repubirika iharanira demokarasi ya Congo kikaba caribonekeje no muri Uganda. Kugeza ubu nta rucanco canke umuti bikivura birashobora kuboneka.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE