homepageKirundi

« Kubona muri iki gihugu tutaratahura ko gutakaza umwanya bingana no gutakaza amafaranga,ni ibintu bibabaje »,Faustin Ndikumana.

Ishirahamwe PARCEM risaba ko Reta yorekurira abadandaza babishoboye kuzana igitotoro nkuko yabigize kukidandazwa c’isukari. Reta yo ivuga ko cohava kica kizimba nkuko biri muri bimwe mubihugu bibanyi.

Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa mbere, umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin Nikumana ryishinze guhamagarira abarundi guca urwevu no guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama ,yagarutse kuri zimwe mungaruka zatewe n’ikena ry’igitoro U Burundi bumazemwo imyaka.

« Hariho gucerwa kw’ubuzi haba muri Reta nyene, mumashure, mu bitaro , ahantu hose igitoro gihagarika imirimo kigateza uruhombo  runini».
« «Iyunguruza ry’abantu n’ibintu ryarabaye akayobera bahinga ,abantu bamara umwanya bicaye, nayo igiciro co kwiyunguruza caranaduze, ndetse n’ibiciro vy’ibiribwa vyaraduze », niko Ndikumana yibutsa.

Ikindi kandi kikibabaje, nkuko abandanya abivuga ni umwanya abantu batakaza, nk’imwe mungaruka z’ikena ry’igitoro ribandanya kwibonekeza.

« Kubona muri kino gihugu tutarumva yuko umwanya ugiye ,abantu bamara amasaha n’amasaha ngo batondeye ikintu, ari amafaranga tuba turiko turahomba mu butunzi bw’igihugu, ni ibintu bikibabaje », niko uwurongoye PARCEM abandanya avuga.

Kubwiwe abona ko urudandaza rw’igitoro rwari rukwiye kwugururirwa abadandaza bose babishoboye, gutyo giheze kiboneke.
« Kugira aka kaga tukavemwo, Reta yoraba abarwizatunga babishoboye, bigenga , berekana neza ivyangombwa nkibikoresho , amafaranga hamwe naho bogikura, kuko SOPEBU nta kintu na kimwe ifise cerekana ko ishoboye kwinjiza igitoro hano mu Burunid », nkuko bisabwa na Faustin Ndikumana.

Reta yo isigura ko zimwe mumvo zituma itarekurira abadandaza bose babishoboye kwinjiza igitoro , ari uko coca kiduga igiciro. Izi zikaba ari zimwe munsiguro zatanzwe n’umushikiranganji wa mbere wa Nestor Ntahontuye ; mukiganiro c’abagize urwego nshingwa bikorwa rwa Reta kuwa 11 Ruheshi i Gitega.

« N’ubu uwobishobora yokizana…ntangorane zihari », niko Ntahontuye yavuze. Yongerako ati :
« Ikibazo kica kihaba , none turaza tukigurishe 4000 BIF kandi aho hakurya kigurwa hafi 7000BIF canke 8000BIF », niko yibaza.

Yemeje muri ico kiganiro ko hariho abo baretse barabizana. Yatanze akarorero k’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi, ko badakoresha ic’ishirahamwe rya Reta rijejwe urudandazwa rw’igitoro SOPEBU.

Kukijanye kandi n’ukurekuira abadandaza babishoboye kucinjiza mu gihugu Ntahontuye yagize ati :
« Murazi ko ubuzima buca buzimba mugihe ibitoro vyoduga, kuko muri ico gihe tugize ‘’liberalisation’’ coca kija ku 6000BIF canke 7000BIF tugereranije no mu karere canke n’uko kigurwa.Rero ivyo vyose bisaba kubanza kwitonderwa,ariko biriko birigwa, mugabo kandi tubandanya dusaba kugwiza umwimbu, turavye ibibazo biri kw’isi », niko avuga, imbere yo guhamagarira abantu kwijukira kugura imiduga ikoresha umuyagankuba.

Kuba abadandaza babishoboye bahawe ubwo burenganzira bwo kwinjiza igitoro kino coca kiduga kumwe n’ibindi bintu vya nkenerwa canke kwiyunguruza, umukuru wa PARCEM we avuga ko n’ubu arivyo abarundi babayemwo.
« Igiciro co kwiyunguruza cariyongereye uravye abantu ingene birirwa barafata ama taxi,itike yo kuja ruguru ingene yaduze », niko Ndikumana avuga.

Kubwiwe, igiciro c’7000BIF igitoro coca kigurwako, co hamwe n’izindi ngaruka abantu bohava bakabimenyera ,ariko ibitoro bikaboneka.
« Ico giciro ntaho gihuriye n’abantu birirwa baragura ama bidons canke ibi kinju bata umwanya basubira »
« Igitoro cabwirizwa kuboneka nkuko isukari yabonetse , gutyo ibikorwa bigasubira gukorwa ,uburyo bukiyongera, nayo ico giciro abantu bagateba bakakimenyera. », nkuko Ndikumana abivuga.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE