Mu gihugu ca Afrika y’epfo, abimukira bava mu bindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika bamaze igihe baba muri ico gihugu bariko barashikirwa n’ingorane zikomeye zituruka ku bitero vy’urwanko rukorerwa abanyamahanga, (xenophobia).
Ivyo bitero birangwa n’ukutihanganiranira bigira ingaruka zikomeye ku buzima bw’abo bantu, aho usanga bamwe bahohoterwa , abandi bagasahurwa ndetse n’ukubangamirwa mu buzima bwabo bwa misi yose. Ivyo bibazo bituma abimukira benshi babaho mu bwoba budasanzwe.
Mu bice bitandukanye vy’igihugu, haravugwa ko hari ukutumvikana hagati y’abanyagihugu n’abimukira ,aho ibibazo vy’ubutunzi, akazi n’imibereho muri rusangi bikunze kuba intandaro n’ukutihanganiranira. Ivyo bituma bamwe mu banyagihugu bagira ivyiyumviro bibi ku bimukira, bikavyara urwanko muri bo.
Abimukira benshi bavuga ko ubuzima bwabo bwahindutse busigaye bugoye,aho usanga bamwe batinya gusohoka canke gukora ibikorwa vyabo vya misi yose. Ivyo kandi biragira ingaruka no ku miryango yabo, cane cane ku bana n’abakenyezi.
Imiryango iharanira agateka ka zina muntu hamwe n’abategetsi bariko barasabwa gufata ingingo zikomeye zo gukingira ubuzima n’umutekano w’abo bimukira. Basabwa kandi gushiraho ingingo zihasha ivyaha bifatiye ku rwanko n’ivangura ,no guteza imbere ukwihanganirana hagati y’abanyagihugu n’abimukira.
Ubutumwa bukomeye buhabwa bose ni uko amahoro n’iterambere bidashobora kuboneka ahari urwanko n’ukutihanganiranira, ahubwo bisaba ubumwe, ugusangira n’ukwubahana hagati y’abantu bose baba mu gihugu kimwe.

























