Reta zunze ubumwe za Amerika na Iran bateye intambwe nshasha mu biganiro bibera mu Busuwisi, bifise intumbero yo kugabanya ukutumvikana kumaze amezi meshi guhungabanya umutekano wo mu buseruko n’ubutunzi bw’isi.
Abahuza baturuka muri Pakistan na Qatar batangaje ko impande zose zemeye umurongo w’amezi abiri uzofasha gushika ku masezerano ya nyuma. Muri ayo masezerano harimwo kugabanya ukutumvikan, gukingira inzira y’amazi ya Hormuz no gukomeza ibiganiro ku bibazo vya “nuclear ” ya Iran n’ibihano vy’ubutunzi.
N’aho ibiganiro vyatanguye mu mwuka w’amakenga n’amatangazo y’abategetsi bamwe bamwe, abaserukira ibihugu vyompi bavuga ko hakiri icizere c’uko hoboneka umuti urama wotuma amahoro agaruka muri ako karere.
Iterambere ry’ivyo biganiro ryaciye rigira ingaruka nziza ku masoko mpuzamakungu, aho ibiciro vy’ibitoro vyagabanutse kubera icizere c’uko inzira y’amazi ya Hormuz izobandanya gukora neza kandi ubudandaji mpuzamakungu ntibuhungabane.
Abahinga mu vya “diplomatie” babona ko n’aho urugendo rukiri rurerure, iyo ntambwe ishobora kuba intango y’igihe gishasha c’ibiganiro n’ubwumvikane hagati ya Amerika na Iran, ivyo bikaba vyofasha gukomeza amahoro n’umutekano mu karere no kw’isi yose.
























